Mali: Perezida Macron avuga ko abarwanyi 33 bishwe n’ingabo z’Ubufaransa

Ico gihugu cararungitse ingabo ibihumbi n'ibihumbi mu gihugu ca Mali kuva mu mwaka wa 2013 Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ico gihugu cararungitse ingabo ibihumbi n'ibihumbi mu gihugu ca Mali kuva mu mwaka wa 2013

Ingabo z'Ubufaransa zishe inyeshamba 33 mu ntambara iriko ibera mu gihugu ca Mali, nk'uko bivugwa n'umukuru w'igihugu c'Ubufaransa, Emmanuel Macron.

Bwana Macron yatangaje ivyo mu gihe yari mu rugendo muri Cote d'Ivoire, aho yamenyesheje ko ataco Ubufaransa butazokora kugira ngo buhashe abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu mu karere.

Ivyo bibaye inyuma y'indwi nkeya abasoda b'abafaransa 13 baguye mw'isanganya rya kajugujugu muri Mali, igitigiri kitari bwaboneke kuva mu myaka ya 1980.

Ico gihugu cararungitse ingabo ibihumbi n'ibihumbi mu gihugu ca Mali kuva mu mwaka wa 2013.

Ni inyuma y'aho izo nyeshamba zigendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu bigaruriye ibice bitari bike vy'uburaruko bw'ico gihugu.

Bafashijwe n'Ubufaransa, ingabo za Mali zarashoboye kwigarurira uturere twose twari mu minwe y'izo nyeshamb.

Ahagit aho, habandanya hibonekeza umutekano muke mu gihe n'ibihugu bibanyi navyo nyene vyandukiwe.

Mu gikorwa c'ukurwanya izo nyeshamba ciswe Opération Barkhane, Ubufaransa bwarungitse abasirikare bashika 4500 gufasha ingabo z'ibihugu vya Mali, Mauritania, Niger, Burkina Faso na Chad.

Bwana Macron yavuze ko ejo ku wa gatandatu abo yise "abarwanyi b'imirwi y'iterabwoba" bishwe mu ntambara zabereye mu karere ka Mopti muri Mali.

Ati: "Muri aka gatondo, kubera ubwira bw'abasirikare bacu n'ingabo za Barkhane, twashoboye kwica abarwanyi 13, dufata mpiri umwe muri bo twongera tubohoza n'abajandarume ba Mali babiri bari bagizwe imbohe".

Bwana Macron yatangaje ivyo mw'ijambo ryiwe muri Cote d'Ivoire, aho yariko asangira umunsi mukuru wa Noël n'abasirikare b'Ubufaransa.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Macron yariko asangira umunsi mukuru wa Noël n'abasirikare b'Ubufaransa

Ku munsi wa gatanu, yari yavuze ko "azokwongereza inguvu" mu rugamba rwo kurwanya imirwi y'abarwanyi bagendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu mu karere ka Sahel no mu bice biri musi y'ubugaragwa bwa Sahara.

Muri uwo mwanya nyene, abategetsi b'ibihugu vya Afrika y'Uburengero bari batanguye inama muri Nigeria yo kwiga ingene borwanya imvururu ziterwa n'iyo mirwi y'aba isilamu.

Umukuru w'igihugu ca Nigeria Muhammadu Buhari yavuze ko izo mvururu ari ikibazo nyamukuru gihanze ako karere kose.

Intumwa idasanzwe y'ishirahamwe ONU muri Afrika y'Uburengero no mu karere ka Sahel, Mohamed Ibn Chambas, yabwiye abo bategetsi bari mu nama ko ibikorwa vya gisirikare vyonyene bidashobora kurangiza izo mvururu.

Asaba ko hokorwa n'ibindi kugira ngo ako karere gatere imbere.

Abategetsi batanu b'ibihugu vya Sahel baritezwe mw'ikoraniro i Paris mu Bufaransa mu kwezi kwa mbere.

Muri iyo nama, Bwana Macron azokwerekana neza "integuro" y'ibikorwa vy'ukurwanya imirwi y'abo barwanyi muri ako karere.

Ibindi bisa n’ibi