Tanzania: Umugabo adafise aho aba yakoze ivyaha kugira yisubirire mu gasho

Ahavuye isanamu, Getty Images
Hagize iminsi havugwa muri Tanzania ko abatari bake mu bapfungwa baherutse kurekurwa mu kigongwe giherutse gutangwa n'umukuru w'ico gihugu boba bakora ivyaha bishobora gutuma basubizwa mw'ibohero.
Abatari bake bavuga ko ari amayeri abo bantu bariko bakoresha kugira ngo bafatwe bisubirire mw'ibohero.
Mu gihe vyoba ari vyo ntaho vyoba bitandukaniye no mu bihugu biteye imbere.
Umugabo umwe wo mu gihugu c'Ubudagi atari afise aho aba kandi ata n'akazi afise, yafashe ingingo y'ukugonga n'ibigirankana umuntu yariko agendesha ikinga kugira ngo ashobore gupfungwa, maze aronke aho aba.
Uyo muntu yari kw'ikinga, atari anazinanye n'uyo muntu yamuteye, yarakomeretse cane.
Abacamanza mu gisagara ca Oldenburg bavuze ko uyo mugabo w'imyaka 26 yariko arondera aho aba, ari co gituma yakoze ivyo.
Igihe afatwa, nta nzu yari afise, yarara mu modoka yiwe nayo nyene hakaba hari haciye igihe kitari gito ata vya ngombwa ifise.
Abacamanza bamuciriye urubanza kubera icaha yakoze, baca bumvikana ko bamupfunga nk'uko avyipfuza kugira ashobore kuronka aho aba, ariko kandi ko vyari ngombwa ko apfungwa kuko yashatse kwica yabiteguye.
Ivyo vyabaye mu Budagi birashobora gusa n'ibikorwa na bamwe muri abo bantu baherutse kurekurwa ku kigongwe ca Perezida Magufuli wa Tanzania ku wa 9 z'uku kwezi, igihe ico gihugu cari kiramutse gihimbaza imyaka 58 y'ukwikukira.
Abapfungwa 5533, ibice 15% vy'abapfungwa bose mu gihugu, baragiriwe imbabazi.
Hagati aho, abatari bake muri bo baciye batangura gukora ivyaha ubwo nyene bakirekurwa, mu gihe umwe muri bo wewe yari yanse kuva mw'ibohero.
Uyo mupfungwa avugwa ko yanse kuva mw'ibohero kubera ataho yari afise aja kuba.
Abenshi rero bakabona ko abatari bake muri bo batipfuza kurekurwa kubera kumbure mw'ibohero ari ho heza gusumba kuja kuba mu ngorane zo mu kibano.
Bishobora kandi kuba biva n'uko abo bapfungwa banenwa n'ababanyi babo, bakabona ko vyobabera vyiza bigumiye mw'ibohero.