Pakistan: Umwigisha wa kaminuza yaciriwe urwo gupfa yagirizwa gutuka Imana

Umutekano wari ucungerewe cane kw'ibohero Junaid Hafeez asanzwe arimwo, mu gihe urwo rubanza rwariko rurasomwa Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Umutekano wari ucungerewe cane kw'ibohero Junaid Hafeez asanzwe arimwo, mu gihe urwo rubanza rwariko rurasomwa

Mu gihugu ca Pakistani, umwigisha wa kaminuza yagirizwa ko yatyoje intumwa Mahomet mu 2013 yaciriwe urwo gupfa yagirizwa isakirirego.

Junaid Hafeez w'imyaka 33 yagirizwa ko yatyoje intumwa y'Imana Mohamet abicishije ku mbuga hwaniro.

Yari amaze imyaka mu cumba ca wenyene mw'ibohero, inyuma y'aho aterewe n'abandi bapfungwa.

Ishirahamwe Amnesty International ririyamiriza urwo rubanza rivuga ko ari "urwa ngondagonde".

Urwo rubanza rwasomwe na sentare imwe mw'ibohero rikuru rya Multan, aho Bwana Hafeez asanzwe apfungiwe.

Junaid Hafeez "ategerezwa kunyongwa", nk'uko tubisoma mu cegeranyo c'urwo rubanza.

Umushikirizamanza Zia ur Rehman ati: "Turashimira Imana ko urwo rubanza rwaheze".

I Multan, ababuranira leta bagenda baririmba ngo "Allah Akhbar" ("Imana niyo nkuru") canke ngo "Abatyoza Imana bakwiye gupfa". "Urwo rubanza ni ukuri kwatsinze ", nk'uko vyavuzwe n'umwe muri bo, Airaz Ali.

Bwana Hafeez yari yize ivyigwa vyisumbirije (Master) muri Amerika, aho yize ibijanye n'amayagwa (literature) y'ico gihugu.

Amaze gusubira muri Pakistani, yaronse akazi k'ukwigisha icongereza kw'ishure kaminuza Bahauddin Zakariya (BZU) mu karere ka Multan ariho yahoze akora gushika ahagarikwe.

Bwana Hafeez yahagaritswe mu 2013 yagirizwa ko yakwiragije amajambo yo gutyoza Intumwa y'Imana Mahomet ku mbuga hwaniro.

Mu kwezi kwa gatanu 2014, abagabo batatu baragandaguye umwunganirizi wiwe muvyo amategeko, Rashid Rehman, inyuma y'aho aterewe ubwoba ko yari gushobora kugandagurwa mu gihe sentare yari ishashe.

Abantu bakoze ivyo ntibigeze barengutswa nk'uko vyavuzwe ejo ku wa gatandatu n'umuryango wa Junaid Hafeez n'abunganirizi bawo, mw'itangazo basohoye biyamiriza "akarenganyo" muri urwo rubanza.

Muri Pakistani, igihugu gifise abantu imiliyoni 207 z'abantu kandi muri bo ibice bingana 95% ari aba isilamu, ugutyoza Imana, ivyayo n'Intumwa yayo, ni ivyaha bikomeye cane.

Amategeko avuga ibijanye n'ivyaha vyo gutyoza Imana ashinzwe ijisho cane n'amahanga, inyuma y'aho Asia Bibi, umukirisu wo muri Pakistani yamaze imyaka umunani mw'ibohero arindiriye kwicwa, ariko Sentare nkuru y'igihugu ikavamwo ifuta urubanza abona kurekurwa.

Iryo rekurwa ryatumye mu gihugu haduka imigumuko, bica biba ngombwa ko arondera ubuhungiro mu kindi gihugu.

Ibindi bisa n’ibi