DR Congo: FARDC yahaye igisirikare c' u Rwanda inyeshamba 71 zirwanya ubutegetsi bw'ico gihugu

FARDC
Image caption Kuva mu kwezi kw'icumi, ingabo za Congo ziri mu rugamba rwo kurwanya imirwi y'inyeshamba irangwa mu buseruko bw'ico gihugu

Igisirikare ca DR Congo kimenyesha ko ku wa gatandatu w'indwi iheze catahukanye inyeshamba z'u Rwanda 71 ziheruka gufatwa mu rugamba rubandanya rwo kurwanya imirwi y'inyeshamba muri ico gihugu.

Kapiteni Dieudonné Kasereka avugira ingabo za Congo ziri muri urwo rugamba, yabwiye BBC ko abo barwanyi ari abo mu murwi Conseil national pour la renaissance et la démocratie (CNRD).

CNRD ni umurwi wiyonkoye kuri Forces démocratiques pour la libération du Rwanda (FDLR) ikorera mu buseruko bwa Republika y'Itwaro Rusangi ya Congo.

Urugamba rwo kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho mu karere ka Kalehe rwatanguye ku wa 26 z'ukwezi kwa 11 mu karere ka Kalehe.

Mu kiganiro yahaye BBC, Kapiteni Kasereka avuga ko abo barwanyi bashikirijwe igisirikare c'u Rwanda bari kumwe n'abandi 1471 bagizwe n'imiryango yabo.

Amenyesha ko izo nyeshamba n'imiryango yabo bakiriwe na koloneli Patrick Musho ku ruhande rw'u Rwanda.

Avuga ko intambara zikibandanya mu karere ka Mwenga, aho abo barwanyi ba CNRD bari bageze bariko berekeza mu karere ka Fizi.

Amenyesha ko mu ntambara z'ejo ku wa Mungu mu gace ka Kasika zahuje abasirikare ba Congo n'izo nyeshamba avuga ko ziharurwa mw'ijana zanse gushira ibirwanisho hasi, bashoboye kwica umunyamabanga mukuru wa CNRD, bongera bafata mpiri n'abarwanyi bashika kw'icumi.

Ku wa 16 z'uku kwezi, umurwi wa mbere ugizwe n'inyeshamba 291 hamwe n'abana 11 baratahukanywe inyuma y'aho batsindiwe n'igisirikare ca Congo mu ntara ya Kivu y'Ubumanuko.

Kapiteni Kasereka avuga ko uwo murwi w'abo batahukanywe ku wa gatandatu "ugizwe n'abaheruka gufatwa no kwishikana, baka bari bacungiwe mw'ikambi ya gisirikare ya Nyamunyunyi", iri ku birometero 30 uvuye i Bukavu, umugwa mukuru wa Kivu y'Ubumanuko.

Ku wa 08 z'uku kwezi nyene, igisirikare ca Congo cari catangaje ko abantu 1200 b'umurwi CNRD "bagizwe n'abarwanyi hamwe n'imiryango yabo" muri iyo ntara bishikanye.

Mu buseruko bwa Congo, haharurwa imirwi y'inyeshamba ishika 133, imwe igizwe n'abanyekongo iyindi igizwe n'abanyamahanga, muri iyo 35 irwanira muri Kivu y'Ubumanuko, nk'uko bivugwa na Kapiteni Kasereka.

Avuga ko igisirikare ca Congo kitarota gihagarika ibitero ku mirwi y'inyeshamba irwanira muri ako karere gushika yemeye gushira ibirwanisho hasi.