America yatumyeko uwuyiserukira muri Zambia kubera ikibazo c'abahuza ibitsina babisangiye

Daniel Foote, Uwufise ububasha kw’isanamu United States Department of State
Image caption Daniel Foote, aserukira Amerika muri Zambia, avuga ko yatewe ubwoba ku majambo yavuze ku vyerekeye ipfungwa ry'abo bagabo babiri bubakanye basangiye ibitsina

Amerika yatumyeko uwuserukira ico gihugu muri Zambia inyuma y'ukutumvikana kwaturutse ku majambo y'ukunegura ipfungwa ry'ababana basangiye ibitsina, nk'uko amakuru ava muri ubwo buserukizi abivuga.

Mu kwezi guheze, Daniel Foote yavuze ko "yababajwe cane" n'ingingo ya sentare ya Zambia yo gupfunga imyaka 15 abagabo babiri bafashwe bariko bahuza ibitsina mu 2017.

Leta imwagiriza ko ariko agerageza kuyitera igitsure, umukuru w'ico gihugu Edgar Lungu aca amumenyesha ko atagikeneye kumubona ku butaka bw'ico gihugu.

Zambia ni igihugu kigendera cane ku karanga ndagagihugu ashingiye ku mico n'imigenzo, aho uguhuza ibitsina babisangiye ari icaha gihanwa n'amategeko.

Mu ndwi iheze, umushikiranganji w'imigenderanire wa Zambia Joseph Malanji yabwiye BBC ati: "Ntushobora gutegeka leta gukora ivyo idashaka - ngo 'kubera tuguha imfashanyo, dushaka ko ukora ibi' - kirazira".

BBC ishatse kumenya ico Amerika ibivugako, ubunyamabanga bujejwe imigenderanire bwayo ntibwemeje canke ngo buhakane ko umuserukizi wayo yahamagawe.

Hagati aho, buvuga ko ko "bubabajwe cane n'ingingo ya leta ya Zambia ivuga ko Ambasaderi Foote 'atagishoboye amabanga', tukabifata ko yabwiwe ko kizira ko asubira kuboneka ku butaka bw'ico gihugu.

Mu kwezi guheze, sentare nkuru y'igihugu ikorera ku mugwa mukuru Lusaka yaraciriye umunyororo w'imyaka 15 abagabo babiri, Japhet Chataba na Steven Samba.

Abo bagabo bari bafashe icumba mw'ihoteri, hanyuma umukozi arungurutse mw'idirisha ryari ryuguruye ababona bariko barahuza ibitsina, nk'uko sentare yabibwiwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Perezida wa Zambia Edgar Lungu yamenyesheje Ambasaderi Foote ko atagikeneye kumubona ku butaka bw'ico gihugu

Mw'itangazo ryasohowe mu ntango za kuno kwezi, Bwana Foote yamenyesheje ati nerekanye gusa "aho moahagaze ku vyerekeye itegeko n'ingingo y'agacinyizo ya sentare ntashigikiye".

Yaragabishije ko "imigenderanire hagati y'ibi bihugu vyompi ishobora gutosekara", anavuga ko leta ya Zambia yipfuza "abaserukizi b'ibihugu batubahuka kuryogora".

Bwana Foote yavuze ko amamiliyoni n'amamiliyoni y'imfashanyo yanyurujwe, ariko ko "ata manza zigeze zicirwa".

Zambia ni kimwe mu bihugu bihabwa imfashanyo nyinshi na Amerika, aho kironka hafi imiliyoni 500 z'amadolari buri mwaka.

Amakuru ava mu biro vy'ubuserukizi yashikiriye ibinyamakuru avuga ko Bwana Foote yatumweko i Washington.

Umukozi wo muri ivyo biro atavuzwe izina yabwiye AFP ati: "Perezida Lungu yavuze ko adakeneye kubandanya akorana n'uyu mugabo [Bwana Foote], rero ko ata cotuma aguma ng'aha".

"Wibuke ko hari ikibazo c'umutekano, rero Washington ikeneye ko umuntu wayo atahuka. Ntitwiteze ko agiye gusubirizwa ubu bwa vuba".

Bwana Foote yaserukira igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kuva mu mwaka wa 2017.