Umukenguzamateka Lisa Murkowski w'umu Repubulika ntashima aho umugambwe wiwe uhagaze kw'ibogozwa rya Trump

Lisa Murkowski Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Lisa Murkowski avuga ko Inama Nkenguzamateka yategerezwa kwitandukanya na Trump asanzwe yagirizwa

Umukenguzamateka Lisa Murkowski muri Amerika avuga ko "atewe umutima uhagaze" n'aho umugambwe wiwe uhagaze ku kibazo co kubogozwa kwa Perezida Donald Trump.

Muri kuno kwezi, Bwana Trump yarabogojwe n'Inama Nshingamateka yiganjemwo abo mu mugambwe w'aba Démocrates.

Bamwagiriza ko yakoresheje ububasha afise mu gukora amakosa kandi ko yaburabuje Inama Nshingamateka mu matohoza yariko irakora.

Bwana Trump arindiriye ko Inama Nkenguzamateka nayo imucira urubanza kugira akurwe ku butegetsi burundu, ikiboneka ko ari kurondera umuzi w'ibuye kuko ino nama yiganziwe n'abo mu mugambwe wiwe w'aba Républicains.

Umukuru w'abakenguzamateka b'aba Républicains, Mitch McConnell, avuga ko "azokorana muri vyose" n'ibiro vy'umukuru w'igihugu.

Bwana Trump yamye yiyamiriza ibikorwa vy'ugushaka kumubogoza, akavuga ko "ari urwanko bamufitiye".

Murkowski avuga iki?

Umupfasoni Murkowski yabwiye televiziyo KTUU yo mu ntara ya Alaska ko atiyumva neza kubera amajambo yashikirijwe na Bwana McConnell aho avuga ko "azokorana muri vyose" n'ibiro vy'umukuru w'igihugu.

Ati: "Ndavyumvise vyanteye umutima uhagaze".

Uyo mukenguzamateka avuga ko Inama Nkenguzamateka yategerezwa kwitandukanya n'ibiro vy'ukumuru w'igihugu ku biraba n'ingene urwo rubanza rwokorwa.

Ati: "Kuri jewe, twategerezwa kwitandukanya n'uwagirizwa".

Hagati aho, avuga ko ivyo bikorwa vyo kubogoza Perezida Trump vyihutishijwe.

Umupfasoni Murkowski, aboneka ko afise ivyiyumviro bitandukanye n'ivya Bwana Trump, aranegura umukuru w'igihugu ku bibazo bitari bike.

Mu kwezi kw'icumi 2018, yarafashe ingingo yo kudatora mu matora yo kwemeza umukuru wa Sentare nkuru y'igihugu, kubera yagirizwa ivyo gufata ku nguvu.

Bwana McConnell afise uruhara rudasanzwe ku kungene urubanza rwo kubogozwa rwobandanya, mu gihe rutegerezwa kutagira aho rwegamiye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mitch McConnell avuga ko yizeye neza ko Bwana Trump azokwambikwa izera

Hagati aho, mu ndwi iheze yaratangaje icese ko atari "umucamanza adategerezwa kugira aho yegamiye" muri urwo rubanza.

Ati: "Uru ni ikibazo ca politike, ataco gisa gisana n'ivyo ubutungane. Kubogoza umukuru w'igihugu ni ingingo ya politike".

Yarongeye avuga ko yizeye neza ko Bwana Trump azokwambikwa izera mu Nama Nkenguzamateka irongowe n'aba Républicains. Ati: "Ndazi ko tuzofata ingingo imworohereza".

Muri iyo Nama Nkenguzamateka, abarongoye aba Républicains baramaze guterana amajambo n'abarongoye aba Démocrates basanzwe ari bake, ku vyerekeye urwo rubanza.

Bwana Trump yagirizwa ko yafatiye ku mfashanyo ya gisirikare Amerika yashaka guha igihugu ca Ukraine mu gutegeka ico gihugu ngo gikore amatohoza kuri Joe Biden, ari mu barongoye umugambwe w'aba Démocrates, aboneka ko ashobora guhangana nawe mu matora ya 2020.

Urubanza rushobora gutangura mu kwezi kwa mbere kw'umwaka buca utangura, mu gihe abakenguzamateka bazoba bavuye mu karuhuko.