Nkurunziza ati: ‘U Burundi ntibwatewe n’abasirikare bo mu Rwanda rwatewe n’igihugu c’u Rwanda’

Perezida Petero Nkurunziza avuga ko bafise ibimenyesto vyose vyerekana ko ari u Rwanda ruheruka gutera u Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu @NtareHouse
Image caption Perezida Petero Nkurunziza avuga ko bafise ibimenyesto vyose vyerekana ko ari u Rwanda ruheruka gutera u Burundi

Perezida Petero Nkurunziza yasubiye gushimangira ko igihugu c'u Rwanda cateye igihugu c'u Burundi mu gitero giheruka ku kirindoro c'igisirikare muri komine Mabayi y'intara ya Cibitoke, hari mu kiganiro yagiranye n'abamenyeshamakuru n'abanyagihugu i Gitega .

Muri ico kiganiro, Perezida Petero Nkurunziza yamenyesheje ko atari ubwa mbere ico gihugu gitera u Burundi, akavuga ko ibimenyetso vyose bihari.

Leta y'u Rwanda yarahakanye ivyo yagirizwa, ikavuga ko ari ibirego isanzwe imenyereye kuva kera kandi ko ata mwanya ishobora kubatesha.

Mu ntango za kuno kwezi, Inama mpuzamakungu ijejwe akarere k'ibiyaga binini (CIRGL/ICGLR) iherutse gushinga umurwi wo gukora amatohoza kuri ico gitero; gushika ubu nta cegeranyo cawo kiraboneka.

Muri ico kiganiro, Perezida Nkurunziza yavuze ko leta y'u Burundi ifise ivyemezo nyavyo vyerekana ko igitero cabaye ku wa 17 z'ukwezi kwa 11 uyu mwaka, ku mutumba wa Marura muri komine Mabayi cakozwe n'abasirikare b'igihugu c'u Rwanda.

Ati: "Aha rero nashaka gukebura Abarundi (…)mumenye neza y'uko atari abasoda bo mu Rwanda bateye u Burundi, ni igihugu c'u Rwanda cateye u Burundi".

"Kuko uteye abasirikare b'ikindi gihugu bacungera imbibe uba uteye igihugu. Ntabwo bateye ikirindiro c'abasirikare b'u Burundi, bateye igihugu c'u Burundi".

Umurwi w'Inama mpuzamakungu ijejwe akarere k'ibiyaga binini (CIRGL/ICGLR) wagenywe gukora amatohoza kuva ku wa 03/12 gushika ku wa 10/12, 2019 gushika ubu nturashikiriza icegeranyo c'ivyo wabonye.

Perezida Nkurunziza avuga ko atari ubwa mbere bibaye haba abantu batera u Burundi bavuye mu Rwanda, akavuga ko vyatanguye mu 2014 bikabandanya mu 2015, 2016, 2018.

Image caption Mu kwezi kw'icenda 2018, igipolisi c'u Burundi cerekanye uwitwa Dismas Ndayisaba yavuga ko yari arongoye igitero co mu Ruhagarika mu kwa gatanu 2018, akavuga ko baje bava mu Rwanda

Amenyesha ko abafashwe bose bagafatanwa n'ibirwanisho bemeza ko baronkeye imyimenyerezo n'igihugu c'u Rwanda.

Ati: "Abo dufata baratubwira bati 'twebwe twaronse imyimenyerezo mu Rwanda duca muri Congo tuje gutera u Burundi'".

Avuga ko gushika ubu leta y'u Burundi ifise ibirwanisho vyababa 1000 vyafashwe vyinjiye bivuye mu Rwanda bikaba vyaraneretswe n'ishirahamwe CIRGL.

U Burundi bwaritwariye u Rwanda

Mu gihe u Rwanda rwatwagirije u Burundi ko ruhaye indaro inkozi z'ikibi zirondera kudurumbanya umutekano mu gihugu c'u Rwanda, Perezida Nkurunziza avyamirira kure.

Ati: "Twarababwiye ko twebwe mu mateka y'u Burundi tutigeze tubika inkozi z'ikibi, nta munsi n'umwe igihugu c'u Burundi cateje ingorane ikindi gihugu tubana muri kano karere".

Avuga ko u Rwanda rwari rwaranse umurwi mpuzamakungu uza guhinyuza ibirego ivyo bihugu vyompi vyagirizanya, kuri we ivyo bikerekana ko hari ico rwiyotsa.

"Tuvuze tuti abadutera baturuka mu Rwanda, abaza guhinyuza baraje mu Burundi barabona ko ivyo u Rwanda rwagiriza u Burundi atari vyo, hama natwe dusaba ko bogenda mu Rwanda kuturabira ko ivyo tuvuga atari vyo, ariko u Rwanda rwaranse".

Leta y'u Burundi yaritwariye u Rwanda, ariko gushika ubu bisa n'akamizwe n'ingoma.

Petero Nkurunziza ati: "Ibihe ni umutahe ukomeye cane, hari ibidakunda uno munsi ariko ejo bizokunda. Urubanza ntirubungwa".

"Harya urubanza rwarinjiye, kumbure uno munsi ntibikunda, mugabo Abanyarwanda bicare bazi y'uko n'aho hoca imyaka ijana canke amajana abiri, Abarundi bazokwishuza urubanza".

Leta y'u Rwanda yoyo ibandanya ivuga ko ibivugwa n'u Burundi bifise intumbero y'ugusamaza amakungu ku kibazo nyamukuru kiri mu karere, kandi ko atari ubwa mbere.

Kuva mu mwaka wa 2015 aho hadukiye uruhagarara rwa politike mu Burundi, u Burundi n'u Rwanda vyakomeje kwagirizanya kimwe cose ku ruhande rwaco, ko ari umukeba afasha imirwi y'inyeshamba ishaka guhungabanya umutekano kubutaka bwaco.

Ibindi bisa n’ibi