Ubuyapani bwanyonze umushinwa, ibidahuta kwibonekeza ku banyamahanga

Umushikiranganji w'ubutungane Masako Mori ati : "Yakoze ubwicanyi bw'agahomerabunwa" Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umushikiranganji w'ubutungane Masako Mori ati : "Yakoze ubwicanyi bw'agahomerabunwa"

Igihugu c'u Buyapani canyonze umugabo akomoka mu Bushinwa kubera icaha c'ukwica bunyamaswa umuryango w'abantu bane, ibitaheruka kwibonekeza ku banyamahanga mu kiringo c'imyaka 10.

Uyo mugabo, Wei Wei, yakoze ubwo bwicanyi mu 2003 afashijwe na bagenzibe babiri.

Bari bahungiye mu Bushinwa, aho umwe yanyonzwe mu 2005 uwundi nawe acirwa umunyororo w'ubuzima bwose.

Ubuyapani bwari bufise abantu bashika 100 baciriwe urwo gupfa barindiriye kunyongwa.

15 banyonzwe umwaka uheze, harimwo 13 b'abanywanyi b'umurwi witwa Aum Shinrikyo bemera ibintazi.

Ubuyapani bwatanguye kumenyesha amazina y'abanyongwa mu 2007, kuva ico gihe hakaba hari hamaze kumenyekana izina rimwe gusa ry'umunyamahanga - umushinwa yanyonzwe mu 2009.

Yari yishwe abashinwa batatu yabana nabo ku mugwa mukuru Tokyo.

Umushikiranganji w'ubutungane Masako Mori yavuze ko yateye igikumu kw'inyongwa rya Wei Wei "inyuma y'umwihwezo muremure".

Ati: "Ni ubwicanyi bw'agahomerabunwa aho abagize umuryango, harimwo n'umwana w'imyaka 11, bagandaguriwe bunyamaswa kubera ingeso y'ukwikunda".

Mu Buyapani, imanza z'urupfu ntizimenyeshwa gushika ku munsi wa rwo.

Wei Wei, yahoze yiga indimi akaba yari afise imyaka 40, yaremeye ko yishe abo bantu, ariko ahakana ko atari we yari yafashe iya mbere.

We na bagenziwe bakoranye ico caha bariko bashaka kunyaga umuryango wa Shinjiro Matsumoto mu gisagara ca Fukuoka.

Bwana Mastumoto yaranizwe, co kimwe n'abana biwe babiri, umugore wiwe nawe bamwicisha amazi mu cumba c'ubwogero.

Ibindi bisa n’ibi