Perezida Nkurunziza avuga ko ibiherutse kuvugwa na Trump ku Burundi ari ugucumita Abarundi icumu mu mugongo

Umunsi inzego z'umutekano zariko zimwipfuriza umwaka mushasha, Petero Nkurunziza yarashimiye ingabo z'u Burundi ku kungene bakoranye Uwufise ububasha kw’isanamu @NtareHouse
Image caption Umunsi inzego z'umutekano zariko zimwipfuriza umwaka mushasha, Petero Nkurunziza yarashimiye ingabo z'u Burundi ku kungene bakoranye

Perezida Petero Nkurunziza avuga ko Amerika ikwiye gushumbusha u Burundi ku kigoro kabwo mu kwitangira amahoro kw'isi, aho kuvuga amajambo akomeretsa Abarundi, ivyo yabivugiye mu kiganiro c'ejo ku wa kane n'abamenyeshamakuru.

Umukuru w'igihugu avuga ko Perezida Donald Trump wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika yavuze amajambo ashingiye ku makuru atari yo, yiyibagije ingene u Burundi bumeze ubu.

Avuga kandi ko Perezida Trump yiyibagiza uruhara u Burundi bufise mu kurwanya iterabwoba rihama cane cane Amerika.

Perezida Trump aherutse gufata ingingo y'ukugumiza u Burundi mu bihe bidasanzwe avuga ko igihugu kirangwamwo amabi atandukanye abangamiye umutekano n'imigenderanire vya Amerika.

Ni ingingo yafashwe na Perezida Obama kuva mu kwezi kwa 11/ 2015, Bwana Trump ayigumizaho mu 2017 na 2018, akaba yategetse ko ikomeza kwubahirizwa kuva inyuma y'igenekerezo rya 22/11/2019.

Muri ico kiganiro, Perezida Nkurunziza avuga ko yaguye mu gahundwe yumvise ivyashikirijwe na Perezida Trump.

Ati: " Uyo munyacubahiro yavuze ivyo haciye igihe gito twakiriye uwumuserukira mu karere, aho yanatembereye igihugu cose, arashima ukuntu ibintu vyifashe".

"Yaranatwemereye y'uko agiye kumenyesha indongozi ziwe ko bosubiramwo neza bakihweza aho Amerika ihagaze ku Burundi kuko boba bakoreye ku makuru atari yo".

Asaba ko imbere y'ugufata ingingo iyo ari yo yose bokwishikira ku rubuga bakaraba ingene ibintu vyifashe.

Abasaba kubanza kwegera abarongoye u Burundi hamwe n'ababuserukira muri Amerika, bakegera ababaserukira hano mu Burundi kugira babahe amakuru y'imvaho y'ingene ibintu bimeze ubu mu gihugu.

None ni ibiki biri muri iryo kete rya Trump?

Ku wa 19 z'ukwezi guheze kwa 11, Perezida Trump yandikiye Inama nshingamateka ya Amerika ayimenyesha ko abona ko ari ngombwa y'uko u Burundi bugumizwa mu bihe bidasanzwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Bwana Trump yanditse ko u Burundi bukiri mu bihe bidasanzwe

Muri iryo kete, Bwana Trump yavuze ko mu Burundi hari ubwicanyi n'ayandi mabi akorerwa abanyagihugu, umutekano muke, n'ihohotera rikomeye cane rishingiye ku vyiyumviro vya politike.

Avuga ko ivyo bibangamira amahoro n'umutekano w'u Burundi n'akarere, kandi ko bibandanya bibangamira umutekno be n' n'imigenderanire vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Bwana Nkurunziza asaba Perezida Trump kwibuka utwigoro u Burundi bukora mu gushigikira Amerika n'amakungu, cane cane mu kurwanya iterabwoba rihanze ahanini Amerika.

Ati: "Ugiye kuraba abasirikare b'abarundi bariko barafashe muri Somalia na za Centrafrique, burya ahanini irya mirwi y'iterabwoba ikarira cane Leta Zunze Ubumwe za Amerika".

"Twebwe rero tugiye kuraba agahombo tumaze kuhagirira mu bantu no mu bikoresho tumaze gukoresha, ni kaniniya cane".

"Nibaza neza y'uko ahubwo yoduhoza amarira y'Abarundi kuko twitanga tutiziganya kugira ngo isi ironke amahoro, cane cane Amerika ironderwa n'abakora iterabwoba gusumba abandi".

Bwana Nkurunziza avuga ko amajambo yashikirijwe na Bwana Trump ari nk'ugucumita abarundi icumu mu mugongo uravye ingabo z'u Burundi zimaze gusiga ubuzima mu ntambara y'iterabwoba.

Ati: "Ndazi neza ano majambo araza kumushikira, ababaserukira babamenyeshe y'uko Abarundi twababaye cane, kandi vyadukomerekeje ku mutima turavye akigoro dukora mu kwitangira amahoro kw'isi".

Ibindi bisa n’ibi