Nigeria: Umurwi Etat Islamique waciye imitwe ‘abakirisu bari mu minwe yawo’

Umwe mu mirwi igendera ku vyiyumviro nk'ivyo irwanira muri Nigeria, Boko Haram, urwana wiyita "Islamic State West Africa Province". Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Umwe mu mirwi igendera ku vyiyumviro nk'ivyo irwanira muri Nigeria, Boko Haram, urwana wiyita "Islamic State West Africa Province".

Umurwi Etat Islamique (ISIS) ugendera ku vyiyumviro bikaze vy'idini rya Isilamu wasohoye ireresi uvuga ko yerekana ingene wariko uragandagura abakirisu 11 muri Nigeria.

ISIS ivuga ko ico ari kimwe mu bikorwa vy'isekeza iheruka gutangaza yo "guhora" abategetsi bayo, umukuru wayo hamwe n'umuvugizi wayo, biciwe muri Syria.

Nta nsiguro zatanzwe kubagandaguwe, bose bari abagabo, ariko ISIS ikavuga ko bose "bafashwe mu ndwi ziheze" mu ntara ya Borno iri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Iyo reresi ifise amasegonda 56 yakozwe n'ikinyamakuru ca ISIS, Amaq.

Yasohotse ejo ku wa kane, abihweza ibintu n'ibindi bakavuga ko yateguwe kugira ngo isohorwe ku munsi mukuru wa Noel.

Iyo reresi yafatiwe ahantu hatazwi, ariko hanze.

Umwe muri izo mpfungwa yafashwe isanamu yishwe arashwe, mu gihe abandi 10 bose baryamitswe hasi bacibwa imitwe.

Mu mpera z'ukwezi kw'icumi guheze, niho uwari umukuru wa Etat Islamique Abu Bakr al-Baghdadi hamwe n'uwari umuvugizi wayo, Abul-Hasan Al-Muhaji, bicwa.

Haciye hafi amezi abiri, ku wa 22 z'uku kwezi kwa 12, niho yatangaza ko yatanguje isekeza rishasha ryo "guhora" abo bategetsi bayo babiri.

Kuva ico gihe iremanga ibitero bitari bike mu bihugu bitandukanye yitwaje iryo sekeza.

Umwe mu mirwi igendera ku vyiyumviro nk'ivyo irwanira muri Nigeria, Boko Haram, urwana wiyita "Islamic State West Africa Province" (Etat Islamique Province de l'Afrique de l'Ouest) , Iswap.

Umwaka uheze, Iswap yaragandaguye abakenyezi babiri bafasha abandi kwibaruka yari yafashe mpiri.

Ibindi bisa n’ibi