Kémi Seba ati: ‘Ivyo mvuga ndavyemanga, urwaruka rwa Afrika ruzofata ibintu mu minwe’

Image caption 'Ivyo mvuga ndavyemera, urwaruka rwa Afrika ruzofata ibintu mu minwe'

Umunya Benin aharanira agateka k'abanya Afrika, Kemi Seba, yaciriwe urubanza rw'ugupfungwa amezi abiri n'amande ya 200.000 y'amafaranga y'ama CFA yagirizwa gutyoza umukuru wa Burkina Faso, hamwe n'abakuru b'ibihugu vya Niger, Côte d'Ivoire n'Ubufaransa.

Bwana Seba yari yavuze ko Umukuru w'igihugu ca Burkina Faso, Roch Marc Christian Kaboré, ari "ikiraro ca politike", nayo Perezida w'Ubufaransa amwita "agaperezida gato".

Yavuze ivyo mu kwerekana akababaro kiwe afise kubera abo yita akarwi k'abakoloni b'abafaransa babarya babicayeko, hari mw'ikoraniro imbere y'abanyeshure.

Uyo mukuru w'ishirahamwe Urgences pan-africanistes avuga ko ico gihano kidashobora kumutuma ahagarika urugamba rwiwe.

Avugana n'abamenyeshamakuru, Bwana Seba yavuze ati:

"Mu gihe cose umukuru w'igihugu azobandanya ahabwa amategeko n'abo bakoloni b'abafaransa, hazokwama hari urwaruka rutazigera rwemera agacinyizo rufaste ibintu mu minwe, ku giciro ico ari co cose".

"Banciriye gupfungwa amezi abiri, ariko ico gihano ntaco kivuze kuko n'abacamanza barazi ko mvuga ukuri, ko urwaruka rufise ishaka ryose ry'ugufata ibintu mu minwe, tuzobandanya urugamba rwacu".

Avuga ko ababazwa n'ukubona ko iyo Perezida Macron atanze itegeko ata n'umwe aryogora, ariko iyo urwaruka rwa Afrika rusavye abavyeyi babo ko bafata ibintu mu minwe, baca bakubita mu mutwe, aho aho kurwanya ako karwi k'abafaransa gafatiye amaboko inyuma igihugu.

Ati: "Ibohero nta kintu na kimwe rizohindura, n'aho rwoba urupfu. Ni urugamba twarazwe na basokuru".

Bwana Seba ashimira umwunganirizi wiwe avuga ko yakoze akazi kiwe n'umutima wiwe wose.

Avuga ko ivyiyumviro vyiwe ari ivyo abantu benshi ariko batubahuka kuvuga.