Igisasu giteze mu muduga cahitanye benshi ku murwa mukuru wa Somalia

Ababibonye bavuga ko yari amahano adasanzwe

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Ababibonye bavuga ko yari amahano adasanzwe

Abantu 76 nibo bimaze kumenyekana ko bahitanywe n'igisasu amanga cari giteze mu muduga i Modadisho umurwa mukuru wa Somalia ejo kuwa gatandatu.

Hari amakuru avuga yuko abashika ijana na mirongo itanu ari bo bakomerekejwe n'ico gisasu.

Umukuru w'igihugu ca Somalia yagirije umugwi w'abarwanyi ba ki Islam, Al-Shabab kuba ari wo washeshe ayo maraso.

Ico gisasu caturikiye mu kibanza c'igenzura ry'umutekano, ku masanganzira agendwa cane i Mogadisho.

Abdikadir Abdirahman Haji Aden, yatanguje ikigo Aamin gikoresha za ruseha abaniha kare yabariye ibiro ntaramakuru Reuters ko "gushika ubu abantu 61 ari bo batwawe bapfuye".

Nta mugwi uriyitirira ico gitero, ariko abarwanyi ba Al-Shabab baramaze kugaba ibitero vyinshi muri ico kibanza.

Al-Shabab, umugwi w'abarwanyi ba ki Islam wiyunze na Al-Qaeda, umaze imyaka 10 waratanguje urugamba rw'ikinyeshamba.

Waromowe mu murwa mukuru mu 2011 ariko uracagenzura ibice bitari bike vy'igihugu.

Ababibonye bavuze ko yari amahano atagira ibira.

"Ico nabona conyene vyari ibiziga bishwiragiye hiryo n'ino... vyari bivanze n'ibimanyu vy'igisasu, bimwe vyahiye ku buryo utomenya umuntu". Uko ni ko umwe mu bahashitse yitwa Sakariye Abdukadir yabaze inkuru.

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Benshi bakomerekejwe cane n'ico gisasu

Mohamed Abdirizak, umwe mu bashingamateka bo muri Somalia, yavuze ko abahasize ubuzima barenga 90, ariko akavuga ko ayo ari amakuru yahawe atarashobora kwemeza.

Uwahoze ari umushikiranganji w'umutekano yongeyeko ati: "Imana igirire ikigongwe abahitanywe n'iki gitero c'ubunyamaswa."

Abantu batanu barishwe mu ntango za kuno kwezi igihe Al-Shabab yatera i Mogadisho kw'ihotero ikundwa n'abanyepolitike, abaserukira ibihugu hamwe n'intwazangabo mu gisirikare.