Kardinali Fridolin Ambongo wa Kinshasa agabisha ko hari umugambi wo kwikebera agace ka DR Congo

Kardinali Ambongo avuga ko hari ibihugu bifise uruhara mu mugambi wo gusambura igihugu ca DR Congo
Image caption Kardinali Ambongo avuga ko hari ibihugu bifise uruhara mu mugambi wo gusambura igihugu ca DR Congo

Musenyeri mukuru wa Kinshasa muri DR Congo aragabisha ko hari umugambi wo gushaka kwikebera agace k'ico gihugu uriko utegurwa n'abantu barondera amaronko muri ico gihugu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y'urugendo yakoze mu karere k'Ubuseruko bw'ico gihugu mu ndwi iheze, Kardinali Fridolin Ambongo, avuga ko igice cegwa n'uyo mugambi ari igice kiva muri Bunia, ukagenda muri Beni, Butembo, Goma gushika mu misozi ya Fizi.

Kardinali Ambongo avuga ko hari ibihugu bifise uruhara muri uyo mugambi, ariko ntabidomako urutoke.

Ahamagarira abanyagihugu bose guhaguruka bakiyamiriza abo bantu bagomba kwikebera agace k'igihugu cabo biyise abakongomani.

Muri ico kiganiro, Kardinali Ambongo aremeza ko hari abakongomani bakomoka mu bihugu bibanyi nk'u Rwanda na Uganda basanzwe banavuga indimi zivugwa muri ivyo bihugu baje bavamwo.

Aravuga abitwa aba Nyamulenge basanzwe baba mu karere ka Fizi na Rutshuru bakomoka mu Rwanda; Abanande baba mu burere bwa Beni na Butembo, hamwe n'aba Hema baba mu karere ka Ituri, bompi bakomoka muri Uganda.

Ku bwiwe, abo bantu nta ngorane kuko babaye mu gihugu imyaka myinshi cane, akemeza ko ari abakongomani mu bandi.

Ati: " Kuri aba bakongomani bavuye mu Rwanda no muri Uganda babaye ng'aha imyaka myinshi, nta muntu n'umwe yoharira ku bwenegihugu bwabo. Ingorane ni abandi baza biyongerako, bagaca bashaka kwiyita abakongomani".

"Akarorero gaheruka ni abimukira b'abanyarwanda birukanywe muri Tanzania mu myaka iheze bakaruhira kurungikwa muri Congo, ivyo navyo bigatera amakenga n'ishavu, bikerekana kandi ko hari umugambi wo kwigarurira agace k'igihugu".

Kardinali Ambongo avuga ko iyo ngorane yibonekeza no mu gisirikare.

Ati: "Iyo muvuganye n'abasirikare, ubwo nyene uca utahura ko igisirikare cacu cinjiranywe n'abanyamahanga".

Avuga ko ikibabaje ari uko usanga hari bamwe mu bakongomani bari ku butegetsi, haba mu banyepolitike bari ku butegetsi canke mu gisirikare, babibafashamwo.

Asaba leta ya Kongo gukora ibishoboka vyose mu rwego rw'imigenderanire hagati y'ibihugu kugira ngo "yumvishe ibihugu bibanyi, cane cane u Rwanda, Uganda n'u Burundi ko vyohagarika kurungika abantu bavyo muri Congo".

Kuva ico gihugu cahoze citwa Zaire cadukamwo intambara mu 1996, sibwo bwa mbere cagiriza ibihugu bibanyi kugira uruhara mu ngorane zaco.

Ivyo bihugu vyamye bivuga ko ata ruhara zifise mu bibera muri Congo, ko ahubwo ari ibibazo biraba abanye Congo ubwabo.

Hampande y'ivyo, Kardinali Ambongo avuga ko n'imirwi isanzwe iriko irarwanira mu karere k'Ubuseruko bwa Congo nayo nyene iri muri uyo mugambi.

Atanga akarorero k'umurwi ADF uzwi ko wavuye mu gihugu ca Uganda umaze igihe uriko uhigwa buhongo n'igisirikare ca Congo.

Ati: "ADF y'ubu siyo ADF yo nyayo ya kera twari tuzi. Ni izina bita abo bantu bose bafise umugambi wo kwigarurira agace k'igihugu cacu. Muri abo twasanzemwo abanya Sudani, abanya Centrafique, abantu bava mu bihugu vyose duhana imbibe mu gice co mu buseruko.

Kardinali Ambongo asaba abakongomani kurikanura kuko kubw'iwe, uyo mugambi ntushobora kuja mu ngiro badaciye ku bakongomani bo nyene ubwabo.

Ati: "Nivyo ko hari amahanga harimwo n'ibihugu bimwe bimwe bibanyi bishigikiye uwo mugambi, ariko ntiwoja mu ngiro twebwe abakongomani ubwacu tutabishatse".

"Amakungu ntiyigeze amenyeshwa ko tudashigikiye uyo mugambi. Ndibaza ko twebwe nk'ama congomani duhagurutse, tugafata mu minwe ikibazo co mu buseruko, tukereka ayo makungu ko tutarota dushigikira uyo mugambi, ntushobora kuja mu ngiro".

Amenyesha ko yabonye neza ko abakongomani bo mu karere k'ubuseruko, avuga ko ariko gashaka kwigarurirwa, badashigikiye ko igihugu cabo gisamburwa.

Ati: "Barasambuye Yougoslavie kubera uburere bwashaka kwigenga, baragabura Sudani, kubera Sudani y'Epfo yashaka kwikukira, ivyo navyo nta hantu na hamwe wobisanga muri Congo".