Abasirikare b'urwego rw'iperereza rwa Sudani bagumutse ku murwa mukuru Khartoum

Abasirikare b'urwego rujejwe iperereza rwa Sudani bariko bararasa mu kirere uno munsi itariki 14/01/2020 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Abasirikare b'urwego rujejwe iperereza baza bararasa mu kirere i Khartoum

Hadutse ukurasa ku murwa mukuru wa Sudani, Khartoum, igihe akagwi k'abasirikare b'urwego rutinyitse rujejwe iperereza bagumuka.

Bivugwa yuko ukwo kugumuka kwatewe n'amafaranga y'agahembo abo basirikare bategerezwa guhabwa.

Leta yahimirije abanyagihugu kwigira kure y'ikibanza ico ari co cose kirimwo abo basirikare.

Mu rwandiko umushikiranganji ajejwe kumenyesha amakuru yavuze ko abagize urwego rw'iperereza, GIS, bari mu bikorwa vy'imigumuko hose mu murwa mukuru Khartoum.

Indege z'ingwano za kajugujugu zagaragaye mu kirere hejuru y'umuji kandi ibiduga bitamenwa bitwara abasirikare vyashizwe mu mabarabara mu gihe igisirikare kigerageza guhagarika ukwo kugumuka.

Ukurasana gukomeye kwahagaritse uruja n'uruza mu muji wa Khartoum nyuma y'aho abo basirikare bagumutse bakazibira amabarabara ari hirya no hino y'ibiro benshi mu gisagara bakoreramwo.

Ikibuga c'indege co ku murwa mukuru casibije igihe c'umwanya muto ingendo z'indege ziza n'izigenda kuko ico kibuga kiri hafi ya kimwe mu bigo vy'abasirikare.

Umuvugizi w'igisirikare yavuze ko ico kibazo kiza gukemurwa vuba cane hakaba kandi hari amakuru y'uko ibiganiro vyatanguye n'abarongozi b'umugwi wagumutse.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru