Augustin Niyitegeka wa NDP itavuga rumwe na leta y'u Rwanda yaraburiwe irengero avuye mu Burundi

Augustin Niyitegeka arongoye umugambwe mushasha NDP-Rwanda Uwufise ububasha kw’isanamu Imirasire
Image caption Augustin Niyitegeka arongoye umugambwe mushasha NDP-Rwanda

Emeline Nishimwe, umukenyezi wiwe, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko aheruka kuvugana nawe italiki 1 z'ukwezi kwa mbere mu 2020 isaha 5 n'iminuta 34 z'umurango.

Ico gihe umugabo wiwe Augustin Niyitegeka yamubarira ko ahejeje gushirisha ibidodo ku mpapuro z'inzira ku biro vy'abinjira n'abasohoka biri ku rubibe rw'u Rwanda n'u Burundi.

Bwana Niyitegeka mu kwezi kw'icenda umwaka uheze yatanguje umugambwe National Democratic Party - Rwanda(NDP), gushika ubu wari utaremerwa n'amategeko y'u Rwanda.

Uyo mukenyezi avuga ko yabimenyesheje abajejwe iperereza mu Rwanda, RIB, kugira ico kigo kimufashe kurondeza umutambukanyi wiwe, ariko ngo haheze imisi 13 ata nyishu imuhumuriza araronka.

Madamu Nishimwe avuga hari ikindi gihe umugabo wiwe yapfunzwe yagirizwa kuremesha inama itemewe n'amategeko.

Gushika ubu ntaramenya niba hari ico umugabo wiwe yoba yagirizwa. Yagize ati : ''Mu vyo ntekereza harimwo n'ivya politike kuko hari ishyaka ayoboye''.

Uyu mukenyezi avuga ko amaze kuja ku biro bijejwe iperereza i Kigali incuro zitanu ariko ngo nta makuru baramuha.

RIB iracakora itohoza

Michelle Umuhoza, umuvugizi w'ikigo kijejwe iperereza mu Rwanda, RIB, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko uyo mukenyezi yashikirije ibirego ico kigo kandi bakiriko barakora amatohoza.

Yasavye ko ivyofasha vyose mu kurondera uyo mutambukanyi wiwe yoba afise, ko Emeline yobishikiriza urwo rwego mu gihe rukiriko rurakora amatohoza.

Si ubwa mbere abatavuga rumwe na leta y'u Rwanda baburirwa irengero mu nyuma bakaza kuboneka batawe muri yombi canke bagandaguwe.

Mu kwezi kw'indwi umwaka uheze Eugène Ndereyimana yari ahagarariye umugambwe FDU-Inkingi - nawo utaremerwa n'amategeko mu Rwanda, yaburiwe irengero gushika ubu.

Leta y'u Rwanda yamye ihakana uruhara urwo ari rwo rwose mu guhohotera abatavuga rumwe nayo, n'aho amashirahamwe aharanira agateka ka zina muntu avuga ko afise ibimenyetso vyerekana ko ibikorwa nk'ivyo biba.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru