Sudan: Igisirikare cahagaritse imigumuko y'akarwi k'abasirikare gashigikiye Bashir

Vyabaye ngoombwa ko igisirikare kija guhangana n'ako karwi Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Vyabaye ngoombwa ko igisirikare kija guhangana n'ako karwi

Igisirikare ca Sudani cahagaritse umugumuko w'akarwi k'abahoze mu ngabo zidasanzwe ziyoboka uwahoze ari umukuru w'ico gihugu Omar al-Bashir.

Amasasu yarumvikanye ejo ku wa kabiri ku mugwa mukuru Khartoum, ivyatumye mbere n'ikibuga c'indege cugarwa umwanya muto.

Ubutegetsi buvuga ko iyo migumuko yadutse ku kutumvikana ku mpamba yohabwa umukozi asezerewe mu kazi.

Akarwi kagumutse kagizwe n'abasirikare begamiye igisata c'igendereza kiriko kirafutwa.

Vyabaye ngombwa ko igisirikare kikarwanya, intambara zikaba zahitanye abasirikare babiri bapfuye, abandi bane nabo barakomereka.

Umwe mu bagize Inama Nkuru y'igihugu, Jenerali Mohammed Hamdan Dagalo, azwi kw'izina rya Hemeti, yagiriza uwahoze arongoye urwego rw'igendereza, Salah Gosh, ko ari we yateye ako kaguma.

Avuga ko, n'aho adafata ko ivyabaye kwari ukugerageza gutembagaza ubutegetsi, inyifato nk'iyo idashobora kwihanganirwa.

Mw'ijambo yashikirije uno munsi, uwurongoye Inama Nkuru y'igihugu, Liyetena Jenerali Abdel Fattah al-Burhan, yamenyesheje ko iyo migumuko yaheze.

Ati: "Ibibanza vyose bikuru bikuru biri mu minwe y'igisirikare, kandi n'ikirere kiruguruye".

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Jenerali Mohammed Hamdan Dagalo avuga ko ivyakozwe n'ako karwi kagumutse bidashobora kwihanganirwa

Abasirikare bo mu rwego rw'igendereza bakwiragije amareresi ya bagenzi babo barasa mw'ijoro inkoho zikomeye mu kirere mu kwerekana inguvu zabo.

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters ryasubiyemwo abanyagihugu, aho bavuga ko habaye ukurasana mu karere ko mu buraruko bwa Khartoum.

Banavuga kandi ko hari n'inyubakwa y'abajejwe umutekano hafi y'ikibuga c'indege yari yafashwe n'abasirikare bagumutse.

Umurwi mukuru mu mirwi yari irongoye imyiyerekano usaba ko "ibikorwa nk'ivyo vy'ububegito bitera ubwoba abanyagihugu" bihagarara.

Abantu bashika 170 barishwe mu myiyerekano yamaze amezi atari make mu mwaka urangiye wa 2019. Urwo rwego rw'igendereza rwaragize uruhara rukomeye mu kurwanya iyo myiyerekano.

Hagati aho, Bashir yahavuye akurwa ku butegetsi n'igisirikare, inyuma y'imyaka 30 ari ku butegetsi.

Kuva mu kwa munani umwaka uheze, Sudani irongowe n'umurwi w'aba Jenerali hamwe n'abategetsi ba gisivire.

Ibindi bisa n’ibi