Umukenyezi w'umushikirangji wa mbere wa Lesotho araronderwa n'igipolisi kubera urupfu rwa mukeba

Thomas Thabane ku musi wo kurahira mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Thomas Thabane ku musi wo kurahira mu mabanga y'umushikiranganji wa mbere

Igipolisi ca Lesotho congeye gufasha mu kugira amatohoza ajanye no gukurikirana umukenyezi w'umushikirangnji wa mbere Thomas Thabane w'iki gihe kugira kimubaze ibijanye n'urupfu rw'uwahoze ari umukenyezi wiwe batakibana rwabaye mu 2017.

Igipolisi kivuga ko Maesaiah Thabane ata caha yagirizwa ariko gikeneye kuvugana nawe ku bijanye n'uruphu rwa Lipoleo Thabane, nk'uko umuvugizi wa leta yabwiye BBC.

Uwo muvugizi yongeyeko yuko umushikiranganji wa mbere nawe nyene ntiyashoboye kwishura ibibazo vy'igipolisi.

Uyo muryango nturagira ico uvuze kuri urwo rubanza rwaranzwe n'ibinyegezwa vyinshi.

Lipolelo Thabane yishwe arashwe imbere y'uko Bwana Thabane arahira mu mabanga ajejwe y'umushikiranganji wa mbere ku gasozi karanga ingoma.

Abo bakenyezi bari mu matati y'uwoba umukenyezi wa mbere ku rwego rw'igihugu imbere y'amategeko.

Amasentare yari yemereye Lipolelo Thabane gutsinda urubanza, yahavuye arasirwa hafi y'inzu yiwe ku murwa mukuru, Maseru.

Mw'ijambo yavuze ku musi w'ibirori vyiwe nk'umushikirangnji wa mbere mu kwezi kwa 6 mu 2017, Bwana Thabane yavuze ko urupfu rw'uyo mukenyezi ari ''nk'ubugugu''.

Yari aherekejwe muri ivyo birori na Maesaiah Thabane. Hari haheze amezi 2 bahezagiwe na Patiri mu kibanza kiberamwo ibirori kiri ku mugwa mukuru Maseru.

Bwana Thabane na Lipolelo Thabane bari bafitaniye amatati yo kwahukana biciye mu mategeko igihe uyo mukenyezi yitaba Imana.

Uwufise ububasha kw’isanamu China TV
Image caption Lipolelo Thabane yarasiwe hafi y'imuhira

Ukwo ari babiri, umushikiranganji wa mbere n'uyo mukenyezi, igipolisi kirakeneye kubumviriza ku matohoza ajanye n'urwo rupfu, nk'uko umumenyeshamakuru wa BBC Pumza Fihlani akorera mu gihugu kibanyi ca Afrika y'epfo abivuga.

Umugambwe uri ku butegetsi hamwe n'uwutavugarumwe na Leta yarasavye Bwana Thabane ko atanga imihoho mu mabanga ajejwe.

Igipolisi cagendeye uyo muryango ku musi wa 5 kigiye kurondera umukenyezi Thabane ariko siho yari ari.

Uyo mukenyezi yari ''yahunze'' kandi bikenewe gishobora gusaba igipolisi mpuzamakungu gufasha mw'ifatwa ry'iwe, nk'uko umuvugizi wa Leta Nthakeng Selinyane yabariye igisata ca BBC Focus on Afrika.

Umushikiranganji wa mbere arasongwa agatoke n'umukuru w'igipolisi.

Ibitangaje vyabonetse mu ndwi iheze n'uko umukuru w'igipolisi Holomo Molibeli yasonze agatoke Bwana Thabane muri urwo rupfu.

Yongeyeko ko ivyo yagirizwa mu mpapuro za sentare bishobora gutuma umushikiranganji wa mbere akurwa mu mabanda yiwe.

Mu mpapuro za sentare zabonywe n'ibiro ntaramakuru AFP, harimwo ikete igipolisi candikiye Thabane kigira giti: ''Amatohoza yerekana ko kuvugana kuri telefone n'uwundi muntu yari mu kibanza cabereyemwo ubwicanyi birimwo ikibazo... iyo telefone ni iyawe."

Umuvugizi w'umushikiranganji wa mbere, Relebohile Moyeye, yabariye AFP ko Bwana Thabane adashobora kugira ico avuze kw'ikete atarakira.

Ibindi kuri iyi nkuru