Inama nshingamateka y'ishirahamwe rya Buraya yiyamirije "ihonyanga ry'agateka ribera mu Burundi"

Prezida w'u Burundi Pierre Nkurunziza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Imigenderanira y'u Burundi n'ishirahamwe rya Buraya yaratosekaye kuva aho hadukiye imvururu mu 2015 kubera kwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza

Inama nshingamateka y'ishirahamwe rya Buraya yasohoye icemezo ciyamiriza ico yise "iyonyanga ry'agateka ka zina muntu ribera mu Burundi".

Ico cemezo ciyamiriza ivyo iyo nama nshingamateka yise "kubangamira uburenganzira bwo gushikiriza ivyiyumviro hamwe no guhonyanga agateka ka zina muntu", mu gihe himirije amatora mu kwezi kwa gatanu.

Leta y'u Burundi ariko yo yemenga ko mu gihugu vyifashe neza kandi ko abakora ivyaha bihohotera ikiremwa muntu bahanwa.

Nk'uko bitangazwa n'ibiro ntaramakuru, Reuters, ngo ico cemezo nta tegeko canke ingingo rigiherekeje, bisigura yuko ataco ama leta abwirizwa kubikorako.

Inama nshingamateka y'ishirahamwe rya Buraya yagarutse cane kw'ifungwa ry'abanyamakuru b'ikinyamakuru Iwacu, bafashwe bagiye gutara amakuru y'igitero cabereye mu ntara ya Bubanza mu kwezi kw'icumi umwaka uheze.

Ico cemezo cashizwe ahabona kuri uno wa kane kivuga ko iyo nama nshingamateka ya Buraya irajwe ishinga "no gutera ubwoba, guhohotera no gufunga ata caha kigaragara abanyamakuru, abaharanira agateka hamwe n'abanyepolitike batavuga rumwe na leta."

Mu kwezi kw'icenda umwaka uheze, abakora itohoza mu bijanye n'agateka ka zina muntu mw'ishirahamwe rya ONU baragabishije ko mu Burundi ibintu bishobora gusubira kuba bibi kubera ihohoterwa rikorerwa abatavuga rumwe na leta.

Leta y'u Burundi ntaco iravuga kuri iki cemezo c'inama nshingamateka y'ishirahamwe rya Buraya, ariko yamye ihakana ibivugwa n'iryo shihamwe co kimwe na ONU.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Inama nshingamateka y'ishirahamwe rya Buraya itewe impungenge n'ukuntu vyifashe mu Burundi mu gihe hitezwe amatora mu kwa gatanu

U Burundi buvuga ko ivyo bivugwa bihushanye n'ibibera mu gihugu, ngo kuko umutekano ukwiye kandi abantu bishira bakizana.

Uwuserukiye u Burundi mw'ishirahamwe mpuzamakungu, Albert Shingiro, icegeranyo c'abakora itohoza ba ONU kigisohoka yavuze ko cuzuyemwo ibinyoma kandi gifise intumbero za politike.

Kuva mu 2015 aho haduka imvururu kubera ukwitoza kwa Prezida Pierre Nkurunziza, imigenderanire n'ishirahamwe rya Buraya yaratosekaye.

Iryo shirahamwe ryafatiye u Burundi ibihano birimwo guhagarika imfashanyo y'amafaranga ryaronsa u Burundi.

Leta y'u Burundi yoyo yabifashe nko kwivanga kw'iryo shirahamwe mu bibazo biraba abarundi, inaryagiriza kugira umugambi wo gushaka guhindura intwaro.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru