Guhiganirwa kuja mu gikombe c'isi n'ica Afrika vyahinduwe amatariki

Ikirangantego c'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika ryahinduye amatariki y'inkino zo guhiganirwa kuja mu gikombe ca Afrika n'ic'isi

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika (Caf) ryahinduye amatariki y'inkino zo muri Afrika zo guhiganirwa kuja mu gikombe c'isi mu 2022 hamwe n'igikombe ca Afrika co mu 2021.

Ibi bikurikiye ingingo y'ejo kuwa gatatu yo kwimurira mu kwezi kwa mbere n'ukwa kabiri ihiganwa ry'igikombe ca Afrika co mu 2021 muri Kameruni, ryobaye mu kwa gatandatu n'ukw'indwi.

Inkino zo guhiganirwa igikombe ca Afrika zotanguye mu kwezi kw'umunani, ariko zimuriwe mu kwezi kwa gatatu.

Guhiganirwa kuja mu gikombe c'isi 2022 vyimuriwe mu kwezi kwa cumi kugira bijane n'ivyo bindi vyahinduwe.

Ingunga zibiri z'inkino zo guhiganirwa kuja mu gikombe ca Afrika zizoba mu kwezi kwa gatatu, ingunga imwe ishirwe mu kwa gatandatu imbere y'uko haba inkino za nyuma zo kuva itariki 31 z'ukwa munani gushika itariki 8 z'ukwa cenda.

Amakipe 24 azoja mu gikombe ca Afrika niyamara kumenyekana, guhiganirwa kuja mu gikombe c'isi bizoca bitangura mu kwezi kwa cumi - iyindi ngunga ibe mu kwezi gukurikira.

Umwe mu bamenyereza batashimishijwe n'ayo mahinduka ni umumenyereza wa Gambiya, Tom Saintfiet.

Yabwiye BBC Sport ati: "Ntivyari bikenewe guhindagura kuko biduteje ibibazo vyinshi mu gihe twari tumaze gutunganya inkino za kivukanyi kandi twaragiranye amasezerano n'abazitunganya.

"Twari twateguye kugerageza abakinyi bamwe mu kwezi kwa gatatu n'ukwa gatandatu kuko nshaka kwubaka ikipe, ariko ubu ivyo ntibigishoboka imbere y'urukino na Gabon (rwo guhiganirwa igikombe ca Afrika 2021)."

Gutomboza imigwi igize amakipe yo guhiganirwa kuja mu gikombe c'isi 2022 vyashizwe kw'itariki 21 z'ukwa mbere.

Ku wa gatatu hafashwe ingingo y'uko igikombe ca Afrika kizotangura itariki 9 z'ukwa mbere kubera ikibazo c'ikirere muri Kameruni mu kwezi kwa gatandatu n'ukw'indwi, igihe hashobora kuba hari imvura nyinshi.

Gusubiza iryo higanwa ry'igikombe ca Afrika mu kwezi kwa mbere bizoca bituma ridahurirana n'ihiganwa ry'igikombe c'isi c'amakipe, rizobera mu Bushinwa mu kwa gatandatu 2021.

Uwufise ububasha kw’isanamu Other
Image caption Amatari mashasha n'aya kera aragaraga ngaha mu rwandiko rwarungitswe hose na Caf

Ibindi kuri iyi nkuru