Guardiola ati 'Lionel Messi azorangiriza umwuga wiwe muri Barcelona'

Messi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Pep Guardiola arahakana amakuru avuga ko Lionel Messi ashobora kumuhamyva muri Manchester City, akavuga ko yizeye neza y'uko uyo mukinyi azorangiriza umwuga wiwe muri Barcelona.

Imyaka yose y'umwuga wiwe, Messi, ubu afise myaka 32, ayimaze muri Barcelona, ariko mu masezerano afitaniye nayo hakaba harimwo ikigabane kimuha uburenganzira bwo kuja ahandi mu ci riza.

Guardiola yaramenyereje Messi i Camp Nou hagati ya 2008 na 2012, aho yatwaye ibikombe bitatu vy'ihiganwa ry'umupira w'amaguru rya Espanye, La Liga, hamwe n'ibikombe bibiri vy'ihiganwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo, Ligue des Champions.

Guardiola ati: "Jewe ndipfuza ko yoguma hariya [muri Barça]".

Uyo mumenyereza wa Man City yavuye muri Barcelona asize ayifashije gutsindira ibikombe 14 mu myaka y'inkino ine, aca aja kumenyereza umurwi Bayern Munich wo mu Budagi.

Yagiye mu Budagi gutsindira ibikombe bitatu vy'ihiganwa ry' Ubudagi, Bundesliga, mu myaka itatu ikurikirana.

Mu Bwongereza, myaka itatu amaze amenyereza Man City amaze gutsidindira Premier League incuro zibiri zikurikirana, 2017/2018 hamwe na 2018/2019, n'aho muri uno mwaka ibintu bitifashe neza kuko Liverpool ifise ikibanza ca mbere muri iryo higanwa iyisumvya amanota 22 mu gihe hasigaye ingiko 13 gusa.

Messi, umukinyi amaze gutsindira umupira w'inzahabu incuro zitandatu, ibikombe 10 vya La Liga hamwe n'ibikombe bine vya Ligue des Champions, afise amasezerano azorangira mu 2021 muri Barcelona.

Hagati aho, aherutse gushikiriza amajambo atari meza ku wujejwe ukwinonora imitsi muri Barcelona, Eric Abidal, inyuma y'aho uyu Mufaransa yagirije abakinyi ko ata shaka berekanye igihe bamenyerezwa na Ernesto Valverde aherutse kwirukanwa.

Mw'ihiganwa rya Espanye, La Liga, Barcelona iza mu kibanza ca kabiri inyuma ya Real Madrid iyisumva amanota atatu.

Mu gihe hari abibaza ko Guardiola ashobora kuboneraho akarondera Messi kubera icuka kibi hagati yiwe na Abidal, uyo mumenyereza wa Man City ntaco bimubwiye.

Abidal na Messi bompi barabaye abakinyi biwe. Avuga ati: "Jewe sinkunda kuvuga ivyerekeye abakinyi b'iyindi mirwi".

"Ndibaza ko azorangiriza umwuga wiwe muri Barcelona".

Lionel Messi yashitse muri Barcelona afise imyaka 13, ni ukuvuga mu 2000, aho yatanguriye gukira umupira w'amaguru mu bana batarenza imyaka 14.

Yagiye atera imbere mu buryo bw'agatangaza, aho yaduga akaja muri Barça C, hanyuma muri Barça B, gushika mu murwi mukuru, ivyo bikaba vyabaye mu gihe gito cane kitari bwabeho.

Mu kw'icenda guheze, uyu mukinyi w'igitangaza aherutse gutsindira agashimwe k'umukinyi wa mbere wa FIFA mu mwaka wa 2019, ku ncuro ya gatandatu, imbere ya Christiano Ronaldo wa Juventus na Virgil van Dijk wa Liverpool.

Ibindi bisa n’ibi