Umunyapolitike Jérémie Ngendakumana araguma Kampala gushika Bujumbura yemeye ko ataha

Jérémie Ngendakumana yahoze ari umushingamateka w'umuryango wa Afrika y'Ubuseruko, EALA Uwufise ububasha kw’isanamu ubmnews.com
Image caption Jérémie Ngendakumana yahoze ari umushingamateka w'umuryango wa Afrika y'Ubuseruko, EALA

Uwahoze ari umukuru w'umugambwe CNDD FDD, Jérémie Ngendakumana, yabwiye BBC ko azoguma i Kampala gushika leta y'u Burundi yikubise agashi ikamuha uruhusha rwo gutahuka.

Vyari vyitezwe ko Jérémie Ngendakumana, yari amaze imyaka hafi itanu yarahungiye mu Bubirigi, atahuka mu mpera z'indwi iheze mu ntumbero yo kuja mu matora yo mu kwezi kwa gatanu.

Ivyo ariko ntivyamukundiye we n'abandi batanu bari kumwe nawe, kuko ubuserukizi bw'u Burundi mu muji wa Kampala butabahaye impapuro za mureke-arengane.

Vyari vyavuzwe henshi ku mbuga nkoranyambaga ko Bwana Ngendakumana na bagenzi biwe batanu bashika mu Burundi mu mpera z'indwi.

Yabwiye BBC ati: "Nibaza ko tuzobanza tukamara umwanya ngaha kugira turabe ko bokwikubita agashi bakatureka tugatahuka mu Burundi.

"Twashikije ibisabwa kugira duhabwe impapuro mureke-arengane ku wa kane, batubwira kugaruka kuwa gatanu, tuje dusanga hamanitswe itangazo rivuga ko tutemerewe kwinjira mu biro biserukiye u Burundi".

Bwana Ngendakumana avuga ko uwuserukiye u Burundi yari yababwiye ko abanza kubaza i Bujumbura niba boronswa izo mpapuro.

Kuba atarasubiye kubakira rero, ku bwiwe abona ko ari amabwiriza yatanzwe n'abajejwe intwaro mu Burundi.

BBC ntirashobora kuvugana n'uwuserukiye u Burundi i Kampala ngo atubwire icatumye izo mpapuro zidatangwa.

Umugambwe mushasha

Jeremie Ngendakumana yaheruka gushinga umugambwe mushasha yise PDG-Girubuntu, ariko yabwiye BBC ko ivy'uwo mugambwe no guterera mu matora ataho bihuriye.

Yagize ati: "Ivyerekeye umugambwe n'ivyerekeye amatora ntibisa kuko umugambwe uracari mu vyiyumviro nturemererwa. Mugabo kugira umuntu agire ico aterera ntabwirizwa kuba afise mugambwe.

"Abwirizwa kuba ari umurundi afise ivyangomba vyo gutora no kwitoza, hanyuma rero agaterera muri ubwo buryo".

Jérémie Ngendakumana yavuye mu Burundi mu 2015 nyuma yo kutumvikano n'abo bari kumwe mu mugambwe wa CNDD FDD bapfuye kugena Pierre Nkurunziza ngo aserukire uwo mugambwe mu matora y'uwo mwaka.

Yari umwe mu banyepolitike bakomeye mu Burundi bafashe ingingo yo kwerekeza iy'amahanga mu kwiyamiriza ikiringo kindi ca Prezida Nkurunziza.

Nyuma y'imyaka itanu ari mu buhungiro mu Bubirigi, yari yafashe icemezo co gutahuka "guterera" mu matora yitezwe mu kwezi kwa gatanu.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru