Ikigo ca kaminuza mu Buhindi categetse abigeme kwambura ngo barabe ko batari mu butinyanka

Umukobwa/umugore ari mu butinyanka mu Buhindi afatwa ko yahumanye Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukobwa/umugore ari mu butinyanka mu Buhindi afatwa ko yahumanye

Abanyeshure bo ku kigo ca kaminuza c'abagore kiri mu ntara ya Gujarat mu burengero bw'u Buhindi baridoga ko bategetswe gukura impuzu bakereka abigisha babo b'abagore uduhuzu twabo two musi kugira berekane ko batari mu butinyanka.

Abo bigeme 68 basohowe mu masomero bajanwa mu tuzu twa surwumwe, bategekwa umwe umwe gukura amacupi yabo kugira babihweze neza.

Ivyo vyabereye mu gisagara ca Bhuj ku wa kabiri mu ndwi iheze.

Abo bigeme basanzwe biga kw'ishure kaminuza ryegukira idini ry'aba Hindou bavuga ko umwe mu barezi yagiye kubarega ku muyobozi w'ico kigo ku wa mbere, abagiriza ko barenze ku mategeko agenga abagore iyo bari mu butinyanka.

Nk'uko ayo mategeko abivuga, kirazira ko umugore/umwigeme ari mu butinyanka yinjira mu rusengero canke mu gikoni.

Ntibemerewe kandi no gukora ku bandi banyeshure iyo bari mu butinyanka.

Iyo hageze gufungura, bategerezwa kwicara kure y'abandi, bagategerezwa kwiyogereza amasahani yabo bo nyene, mw'ishure naho bagategerezwa kwicara ku ntebe y'inyuma.

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC Gujarati
Image caption Abanyeshure b'abakobwa bakoraniye imbere y'ikigo Shree Sahajanand Girls Institute (SSGI) mu myiyerekano

Umwe muri abo banyeshure yabwiye BBC ko abajejwe uburaro bategekanije igitabo bategerezwa kwiyandikamwo iyo binjiye mu butinyanka kugira ngo abarongoye ico kigo bashobore kubatandukanya n'abandi.

Ariko mu mezi abiri aheze, nta munyeshure n'umwe yigeze yandika izina ryiwe muri ico gitabo - kumbure kubera imiziro bategerezwa gukurikiza iyo baramutse babikoze.

Niho rero ku wa mbere, uwujejwe ubwo buraro yaja kwitwara ku mukuru w'ico kigo avuga ko abanyeshure bari mu butinyanka bariko binjira mugikoni, begera urusengero kandi bivanga n'abandi banyeshure.

Ku munsi wakurikiye, abo banyeshure bagirije uwo mutegetsi be n'umukuru w'ico kigo ko babahohoteye imbere y'ukubategeka kwambura impuzu.

Bavuga ko ivyababayeko "bibabaje cane" kandi ko "vyabahahamuye" ku rugero rwo "kubarwaza mu mutwe".

Bishwe n'amarira

Se w'umwe muri abo banyeshuri avuga ko igihe yashika kw'ico kigo, umukobwa wiwe eka n'abandi bamwituye baca batangura kurira. Ati: "Bahahamutse".

Ku wa kane, umurwi w'abanyeshure baragize imyiyerekano mu kigo c'iryo shure, basaba ko abategetsi baryo "babamaramaje" bofatirwa ingingo.

Umukuru w'urwego rukuru rw'ico kigo, Pravin Pindoria, avuga ko ivyabaye ari "agahomerabunwa" yongera ko y'uko bategetse ko haba amatohoza, kandi ko uwo wese azokwagirwa n'ikosa azofatirwa ingingo.

Hagati aho, Darshana Dholakia, icegera c'umukuru w'ishure kaminuza ico kigo cegukira, avuga ko ikosa riri kuri abo banyeshure. Avuga ko barenze ku mategeko kandi ko bamwe muri bo basavye imbabazi.

Ariko bamwe muri abo banyeshure babwiye BBC ko bariko baterwa ubwoba n'abajejwe ico kigo babategeka kwirengagiza ivyabaye ntibabandanye bavuga amarushwa yababayeko.

Ku wa gatanu, komisiyo y'abakenyezi bo mu ntara ya Gujarat yategetse ko haba amatohoza kuri iki "gikorwa giteye isoni", inasaba n'abo banyeshure "guseruka bakavuga ata gutinya amarushwa babonye". Igipolisi caruguruje urubanza.

Ivangura riri hose

Ubu si ubwa mbere abanyeshure b'abigeme bamaramajwe kubera bari mu butinyanka.

Mu bisa n'ivyo, mu myaka itatu iheze, abanyeshure 70 barategetswe kwambura impuzu bagasigara bari gusa kw'ishure rimwe riri mu buraruko bw'Ubuhindi, inyuma y'aho umuzamu w'umugore aboneye amaraso mu muryango uja mu bwogero.

Kunena abagore/abigeme bari mu butinyanka birarwiriye cane mu Buhindi, aho bifatwa nk'ikinyegezwa kuva kera, abagore nabo bari mu butinyanka bagafatwa ko bahumanye.

Akenshi ntibemererwa kuja mu makoraniro yaba iyo mu kibano canke yo mw'idini, bakirukanwa mu masengero kandi bagategekwa kutinjira mu gikoni.

Abagore bagiye kw'ishure bagize iminsi barwanya ibi vyiyumviro vya kera. Mu myaka mike iheze, baragerageje gusigurira abantu ukuri ku bijanye n'ubutinyanka - ko ari ikintu gisanzwe mu bigize ubuzima.

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ingingo ya sentare yo mu 2018 yemerera abagore/abakorwa ata n'umwe akumiriwe kwinjira mu rusengero yatumye haduka imyiyerekano yo kuyiyamiriza mbere n'abagore benshi barimwo

Hagati aho, nta kintu kinini bashitseko.

Mu 2018, sentare nkuru y'igihugu mu ngingo itari bwigere ibaho yarategetse ko agasengero ka Sabarimala mu ntara ya Kerala iri mu bumanuko bw'Ubuhindi kugururira imiryango abagore/abakorwa ata n'umwe akumiriwe, ivuga ko kwirukana abagore mu rusengero ari ikumira.

Ariko haciye umwaka, abacamanza bemeranije ko basubiramwo iyo ngingo inyuma y'imyiyerekano ikomeye muri iyo ntara bayiyamiriza.

Icatangaje, ni uko muri abo bari mu myiyerekano harimwo igitigiri kinini c'abagore - icerekana ko uwo mugenzo wo kunena abagore bari mu butinyanka washinze imizi.