U Rwanda na Uganda vyumvikanye guhanahana inkozi z'ikibi mu nama i Gatuna

Prezida Paul Kagame na Yoweri Museveni bahuriye i Gatuna itariki 21/02/2020 Uwufise ububasha kw’isanamu Rwanda Presidency/Twitter
Image caption Prezida Paul Kagame na Yoweri Museveni bamaze umwaka urenga batarabana ryiza

Inama yo kunagura umubano hagati y'ibihugu vya Uganda n'u Rwanda yabera ku rubibe rwa Gatuna irangiye hashizwe umukono ku masezerano yo guhanahana inkozi z'ikibi.

Iyo nama yari iyigira gagatu yo ku rwego rwo hejuru hagati ya Prezida wa Uganda Yoweri Museveni, n'uw'u Rwanda Paul Kagame.

Iyi nama y'uno munsi i Gatuna, co kimwe na zibiri zayibanjirije mu mwaka uheze no mu ntango z'uno mwaka zabereye i Luanda muri Angola, zatumweko n'abakuru b'ibihugu vya Kongo na Angola mu ntumbero wo kwumvikanisha u Rwanda na Uganda.

Nk'uko vyagenze mu nama zibiri ziheruka, ba Prezida João Lourenço wa Angola na Etienne Tshiseke wa Kongo, bari bitavye nk'abahuza.

Prezida Paul Kagame na Yoweri Museveno bashize umukono ku maserano yo guhanahana impfungwa, ikintu nyamukuru capfunditswe muri iyi nama.

Uganda yiyemeje gukora itohoza ku vyagiriji vy'u Rwanda vy'uko hari abarwanya ico gihugu batse indaro muri Uganda, iryo tohoza rikaba ryarangiye mu kwezi kumwe.

Muri ico gihe Uganda izoca ishirikiriza icegeranyo umugwi uzoshingwa, uwo nawo ushikirize ivyo washitseko kuri abo bakuru b'ibihugu bane.

Nyuma y'iminsi 45 hazoba iyindi nama izoba igamije kwihweza kwugurura urubibe rwa Gatuna/Katuna.

Kwitana ba mwana

Umubano hagati y'u Rwanda na Uganda umaze ikiringo kirenga umwaka waratosekaye, kubera ukwinubana hagati y'ibi bihugu bibanyi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Rwanda Presidency/Twitter
Image caption Prezida wa Angola João Lourenço (wa kabiri uvuye i buryo) na Etienne Tshisekedi wa Kongo (wa mbere uvuye i buryo) nibo bumvikanisha Uganda n'u Rwanda

U Rwanda rwagiriza Uganda gufata no gufunga abanyarwanda ata caha kigaragara bagirizwa, hamwe no guha icumbi imigwi y'abarwanyi ifise umugambi wo gutera u Rwanda.

Uganda nayo yagiriza u Rwanda kuba rurungika abasumyi b'urusaku bagacengera mu nzego nyinshi z'ico gihugu.

Ukwo kwinubana kwahavuye kuvamwo kwugara urubibe vyagizwe n'u Rwanda, leta y'ico gihugu ica inaburira abanyagihugu kudasubira muri Uganda ngo kuko "bahohoterwa".

Kwugara uwo mupaka vyagize ingaruka ku banyagihugu baba hakurya no hino, kuko bazera uburamuko mu bikorwa bakorera hirya no hakuno ya buri gihugu.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru