Umushikiranganji wa mbere wa Lesotho yahakanye guhunga kwagirizwa kwica

Thomas Thabane Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Thomas Thabane yatangaje ko azotanga imihoho mu kwezi kw'indwi

Umushikiranganji wa mbere wa Lesotho Thomas Thabane yahakanye amakuru y'uko yahungiye muri Afrika y'epfo nyuma yo kutaboneka mu rubanza yagirizwamwo kwica uwari umugore wiwe mu 2017.

Ibiro vyiwe vyavuze ko yagiye muri ico gihugu kwivuza.

Umugore wiwe w'ubu Maesaiah Thabane aramaze kwagirizwa icaha co kwica.

Bwana Thabane azoba ari umurongozi wa mbere wo muri Afrika yagirijwe na sentare yo mu gihugu ciwe icaha co kwica akiri ku butegetsi, mu rubanza rwababaje benshi muri ubwo bwami buto bwo mu misozi.

Ibiro vyiwe bivuga ko yubaha ubutungane kandi ko ategekanya kwitaba sentare niyava muri Afrika y'epfo.

Mu kwezi kwa mbere, Madamu Thabane yagiye muri Afrika y'epfo, igihugu gikikuje Lesotho, nyuma y'aho igipolisi gisohoreye umutahe wo kumufata.

Igipolisi ku wa kane cavuze ko umushikiranganji wa mbere azokwagiriza icaha co kwiza kuwa gatanu.

Yategerezwa kwitaba sentare isaha 09:00 zo mu gitondo ku masaha yaho nk'uko bivugwa n'ibiro ntaramakuru, Reuters.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru