Abacitse kw'icumu baba hanze y'u Rwanda basaba Perezida Kagame iperereza ryigenga kuri Kizito Mihigo

Kizito Mihigo

Ahavuye isanamu, Kiziyo Mihigo YouTube

Insiguro y'isanamu,

Hakomeje gusabwa iperereza ryigenga ku rupfu rwa Kizito Mihigo

Abantu bagera kuri 36 bavuga ko bacitse kw'icumu rya jenoside yabaye mu Rwanda muri 94, bari hirya no hino kw'isi, bandikiye ibaruwa Perezida Paul Kagame w'u Rwanda, bamusaba ko habaho iperereza ryigenga ku rupfu rwa Kizito Mihigo.

Baravuga ko iryo perereza ryakorwa n'abantu b'inzobere bo mu mahanga, bafatanije na leta y'u Rwanda.

Bakavuga ko bafite impungenge ku byavuzwe n'urwego rw'ubugenzacyaha bw'u Rwanda, RIB, byuko Kizito Mihigo yiyahuye igihe yari muri gereza y'igipolisi kw'itariki ya 17 z'uku kwezi kwa 2.

RIB yavuze ko Kizito Mihigo yafashwe ashaka kwambuka umupaka ajya i Burundi mu buryo butemwe n'amategeko kandi ko yanashatse gutanga ruswa.

Iyo baruwa abo 36 bandikiye Perezida Kagame, bahaye kopi y'ayo abantu bandukanye bo kw'isi barimo nka Papa Francis n'umunyamabanga wa ONU, Antonio Guterres.