Rwanda: Abatavuga rumwe n'ubutegetsi basaba leta guhagarika ingingo y'ugukata umushahara w'abakozi

Victoire Ingabire avuga ko amafaranga yo mu bwisungane bwo kwivuza acungwa nabi - ivyo leta ihakana

Ahavuye isanamu, BBC GAHUZA

Insiguro y'isanamu,

Victoire Ingabire avuga ko amafaranga yo mu bwisungane bwo kwivuza acungwa nabi - ivyo leta ihakana

Amashyaka (imigambwe) abiri atavuga rumwe n'ubutegetsi bw'u Rwanda, ariyamiriza ingingo ya leta y'ico gihugu yo gukata umushahara w'abakozi, ibice bingana na 0.5% buri kwezi aja mu kigega c'ugutegekaniriza kazoza abakozi muri ico gihugu kizwi nka RSSB.

Victoire Ingabire, umukuru w'umugambwe DALFA-Umurinzi, hamwe na Bernard Ntaganda w'umugambwe PS-Imberakuri, bakorera mu Rwanda, bagiriza umugambwe FPR uri ku butegetsi mu Rwanda ko ugomba kunyaga abakozi ku nyungu zawo.

Leta yoyo ivuga ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo gushigikira umusanzu w'ubwisungane mu kwivuza, ikanavuga ko yafashwe habanje kuba ibiganiro bitandukanye.

Mu kiganiro yagiranye na BBC Gahuzamiryango, Victoire Ingabire avuga ko iyo ngingo ya leta yafashwe hahonyanzwe ibwirizwashingiro ry'ico gihugu hamwe n'itegeko rigenga akazi "kuko umushahara w'umuntu ni umutungo wiwe bwite, ni ntavogerwa, ntabwo umuntu apfa kuwufataho uko yishakiye".

Yagiriza ikigega RSSB c'ugutegekaniriza kazoza abakozi ko cabaye igikoresho c'umugambwe FPR/RPF uri ku butegetsi.

Ati: "Kiriya kigo gishirwamwo amafaranga y'ubwishingizi n'ayo gutegekaniriza abakozi RSSB, ni ikigo cabaye nk'inka y'imvyeyi ririya shyaka rivomamo".

Umupfasoni Ingabire avuga ko atarwanya uwo mugambi wa leta wo kwunganira umusanzu w'ukwivuza, akabona ko ahubwo leta ikwiye kuronderera mu bindi bisata maze amafaranga agashobora kuboneka.

Avuga ko ingorane nyamukuru ari ingene ayo mafaranga yegeranywa akoreshwa, akabona ko harimwo igipfungu.

Ati: "Ntabwo ari ikibazo c'ibura ry'amafaranga, ikibazo ni uburyo amafaranga yo mu bwisungane bwo kwivuza acungwa. Imbere y'uko baja kurondera amafaranga ni babanze bacunge neza n'ayahari".

"Iyaba ayahari bayacunga neza, ntabwo uyu munsi baba bariko baja gusonga abakozi bababwira ngo barabakata amafaranga".

'Ingingo yafashwe habaye umwumvikano'

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Leta y'u Rwanda yoyo ivuga ko iyo ngingo yafashwe ku nyungu z'umunyagihugu muri rusangi.

Gaspard Musonera, umunyamabanga uhoraho (ntayegayezwa mu Kirundi) mu bushikiranganji bw'abakozi n'akazi mu Rwanda, avuga ko amafaranga asanzwe atangwa n'umukozi hamwe n'ayo umukoresha amutangira ari ayo kwivuza be n'umuryango wiwe gusa.

Avuga ko hakenewe ubundi buryo kugira ngo abanyagihugu bandi nabo bashobore kuvurwa, ari co ayo mafaranga bazokatwa azokora.

Ati: "Ayo 0.5 % ku mushahara wabo bwite batahana ku kwezi ni inkunga yabo ku kigega c'ubwishingizi mu kwivuza kuko ayo abaturage basanzwe batanga ni make cane ugereranije n'ayakenewe kugira ngo bashobore kwivuza mu buryo bukwiriye".

"Rero ni ngombwa ko hashakwa izindi nzira zo kwunganira ico kikega kugira ngo abaturage bashobore guhabwa serivisi z'ubuzima zikwiriye, inzego z'ubuzima nazo zishobore kugira ubushobozi bwo kubafasha neza".

Avuga ko ibivugwa n'abatavuga rumwe n'ubutegetsi y'uko ikigo RSSB gikora gihomba kandi ko iyo ntererano isanzwe ikoreshwa nabi, bidafise ishingiro "kuko nta bindi bari kuvuga".

Ati: "Ikigo c'ubwisungane RSSB nta kibazo gifise, aho ikibazo kiri, ni uko abaturage basabwa amafaranga makeya ugereranyije n'ayo bategerezwa gutanga kugira ngo bashobore kwivuza".

Bwana Musonera avuga ko imbere y'uko iyo ngingo ifatwa habaye ibiganiro bitandukanye vyari bifise intumbero yo kurondera inzira zo kwegeranya ubwo buryo harimwo n'abakozi, akabonako ata mpamvu y'uko yojamwo impari.

Ati: "Ivyo ari vyo vyose jewe ico numva abantu bashira imbere ni ukumva akamaro bifitiye buri Munyarwanda wese ndetse n'uyo mukozi".

Ku wa 26 z'ukwezi guheze, ni ho umushikiranganji w'abakozi ba leta n'umurimo mu Rwanda yasohora itangazo risaba abakoresha bo mu nzego za leta n'abikorera utwabo gukata 0.5% ku mushahara wa buri kwezi ku bakozi babo maze bakawushikiriza ikigo c'Ubwisungane mu Rwanda (RSSB).

Ni ingingo ishingiye kw'itegeko ry'umushikiranganji wa mbere c'ico gihugu ryo ku wa 13 z'ukwa mbere uno mwaka nyene, ryerekeye ubwisungane mu kwivuza, rikanerekana inzira zitandukanye uburyo bushobora kuvamwo.