Burundi: CVR yatoye 7348 bahambwe mu binogo 8 ku Ruvubu

Ibikorwa vya CVR mu Burundi

Ahavuye isanamu, burundi_cvr

Insiguro y'isanamu,

U Burundi bwararanzwemwo ubwicanyi bushingiye ku mvo za politike no ku moko hagati y'Abahutu n'Abatutsi kuva bwikukira mu 1962

Umurwi ujejwe kumenya ukuri n'ukurekuriranira mu Burundi umenyesha ko kuva ku wa 27 z'ukwa mbere umaze gutora ibisigarira vy'abantu bashika 7.348 bishwe mu 1972 bagahambwa mu binogo rusangi ku ruzi Ruvubu mu ntara ya Karusi.

Muri ako karere, haharurwamwo ibinogo bishika 18 uwo murwi weretswe, vyose vyahambwemwo abagandaguwe muri ubwo bwicanyi bwo mu mwaka wa 1972, busa n'ubutazwi cane n'abakiri bato.

Mu kiganiro yahaye abanditsi n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa kabiri i Bujumbura, Pierre-Claver Ndayicariye arongoye uwo murwi amenyesha ko umunani vyonyene ari vyo bashoboye gufurura (canke gutaburura mu Kinyarwanda).

Ati: "Ibindi cumi biracagoye gushikira kubera vyazibiwe n'umusozi waje hariko hakorwa ibarabara Gitega-Karusi-Muyinga, ibindi navyo bikaba biri ahantu hasigaye hari umwonga".

U Burundi bwararanzwemwo ubwicanyi bushingiye ku mvo za politike no ku moko hagati y'Abahutu n'Abatutsi kuva bwikukira mu 1962. Ubwabaye mu 1972 ni bwo buzwi cane bwatirikiyemwo Abahutu benshi.

Ako karere kari ku mutumba wa Bukirakazi kari neza na neza ku ruzi Ruvubu ku rubibe rw'intara za Gitega na Karusi, kazwi ko kagandaguriwemwo Abahutu benshi cane bo mu mice itandukanye y'igihugu.

Ahavuye isanamu, @CVR_Burundi

Insiguro y'isanamu,

Pierre-Claver Ndayicariye rongoye umurwi ujejwe kumenya ukuri n'ukurekuriranira mu Burundi

Muri bo harimwo abakozi ba leta, abadandaza, abihebeye Imana n'abandi batari bake, bamwe mbere bapfa urupfu ruteye agahinda, nkuko bivugwa na CVR.

Bwana Ndayicariye, avuga ko haciye imyaka 48, ariko ko bashoboye gutora n'ibindi nk'impuzu bari bambaye n'ibirombora vy'amasasu hampande y'amagufa.

Avuga ko mu kiringo bari bamaze muri ako karere bashoboye kuronka n'ayandi makuru yerekana ibindi binogo vyahambwemwo abagandaguwe ico gihe, aho hari n'ibivugwa mw'ikambi ya gisirikare y'i Gitega.

N'aho ubwo bwicanyi buvugwa ko ari bwo bwahekuye u Burundi gusumba, abatari bake basa n'abagenda babwibagira, cane cane abakiri bato, batazi neza na neza ivyabaye.

Ahavuye isanamu, @burundi_cvr

Insiguro y'isanamu,

Igikorwa co gusabira abatowe muri ibi binogo mu kwezi guheze

Bwana Ndayicariye avuga ko mu kiringo bari bamaze ku Ruvubu bakiriye abanyeshure biga kw'ishure ry'imyuga rya Karera (ETS Karera) hamwe no kuri Lycée Notre Dame de l'Assomption de Mugera, bose baza babaza ibibazo vyinshi cane kugira bamenye ivyabaye mu 1972.

Inyuma y'ico kiringo bari bamaze bakorera muri ako gace, Bwana Ndayicariye amenyesha ko bagiye gufurura ibindi binogo biri ku mutumba Mashitsi wa komine Giheta, si kure y'aho bari bamaze igihe.

Umurwi CVR uvuga ko ufise ishaka ryo kuzokwerekana ibinogo vyose vyahambwemwo abantu mu bwicanyi bwagiye buba mu bihe bitandukanye mu ntumbero yo kweza u Burundi.

Umenyesha ko umaze guharura ibinogo rusangi 4,163 mu gihugu cose vyahambwemwo abantu bishwe mu magume atandukanye u Burundi bwagiye buracamwo kuva bwikukira.