Aurlus Mabele: Rurangiranwa mu muziki wa Congo (Brazzaville) 'yahitanywe na coronavirus'

Aurlus Mabele Uwufise ububasha kw’isanamu Youtube
Image caption Aurlus Mabele yagurishije inkurikirane z'indirimbo, albums, zirenga imiriyoni 10

Umunyamuzika rurangiranwa wo muri Kongo (Brazzaville) Aurlus Mabele yaguye mu bitaro ku murwa mukuru w'Ubufaransa, Paris, afise imyaka 67.

Ubutumwa bwashizwe ku mbuga hwaniro n'abagenzi hamwe n'umuryango wiwe buvuga ko yahitanywe na coronavirus ariko ibi ntibiremezwa.

Abafana biwe bamwita umwami wa soukous - umuziki w'umudiho unyaruka wo muri Kongo ukundwa hose muri Afrika.

Umukobwa wiwe, umuririmvyi w'umufaransakazi Liza Monet, yanditse ubutumwa kuri twitter kuwa kane avuga ko se yahitanywe na coronavirus. Yanditse ati "nishwe n'amarira."

Uwari mu mugwi umwe nawe wa Loketo, Mav Cacharel, nawe yanditse kuri Facebook ko yahitanywe na coronavirus.

Umutunganya-bikorwa wiwe (manager), Kimmy Ouetenou, ariko yabariye BBC Afrique ko bitaremezwa ko yahitanywe na coronavirus kandi ko yari afise ibibazo vy'amagara amaranye igihe.

Yinjijwe ibitaro ejo kuwa kane aca acikana uwo munsi nyene.

Mabele, azina ryiwe ry'ukuri ari Aurélien Miatshonama, yavukiye Brazaville aca yimukira mu Bufaransa mu myaka y'1980.

Indirimbo ziwe zakunzwe zirimwo iyitwa Embargo.

Bwana Ouetenou yavuze ko batanguye kuganira na leta ya Kongo kugira barabye ko yoshingurwa mu gihugu ciwe.

Hagati aho, isandugu yiwe izoshirwa mu kibanza izobikwamwo gushika ingendo zahagaritswe kubera coronavirus zisubiriye, nk'uko bivugwa na Rose-Marie Bouboutou wa BBC Afrique.

Mabele yashikanye injana ya soukous kw'isi yose

Vyashikirijwe na Gaïus Kowene, BBC News, Kinshasa

Akoresheje izina ryiwe Aurélien Miatshonama, Mabele yashinze umugwi Les Ndimbola Loketo ari kumwe n'abagenzi biwe i Brazaville basohora zimwe mu ndirimbo zakunzwe cane muri Afrika mu myaka 1970, nk'indirimbo Embargo, Zebola na Waka Waka.

Mu nyuma, yaje kwimukira i Paris aho yashinze uwundi mugwi, Loketo, bisigura amafyinga mw'ilingala - ururima bakoresha kenshi mu ndirimbo za soukous, rukanavugwa cane mu burengero bwa Kongo-Kinsasa na Kongo-Brazzaville.

Mu gihe yagurishije inkurikirane z'indirimbo (albums) zirenga imiriyoni 10 mu mwuga yari amazemwo imyaka irenga 30, Aurlus Mabele yashikanye soukous hanze y'imbibe za Afrika, ayishikana kure kw'isi.

Ibindi bisa n’ibi