Coronavirus: Dr Tedros wa OMS ati: "reka kugira Covid-19 ikibazo ca politike"

Dr Tedros arongoye OMS

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Dr Tedros arongoye OMS asaba isi yose gufatana mu nda mu kugwanya Covid-19

Umukuru w'umuryango ujejwe amagara y'abantu kw'isi OMS/WHO asaba ko abantu bagira ubumwe mu kurwanya ikiza ca coronavirus, ni mu gihe uwo muryango waneguwe n'umukuru wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump.

Mw'ijambo yaraye ashikirije, umukuru wa OMS Tedros Ghebreyesus, yarashimagije igikorwa kiriko gikorwa n'uwo muryango, anasaba ko abantu boreka kugira covid-19 ikibazo ca politike.

Bwana Trump avuga ko agiye kwihweza ingene yohagarika imfashanyo itangwa na Amerika muri uwo muryango.

Trump yagiriza OMS ko "yegamiye cane ku ruhande rw'u Bushinwa".

Dr. Tedros ariyamiriza ayo majambo, agashimangira ati "Turi kumwe n'ibihugu vyose, kandi nta vangura rituranga".

Inyuma y'aho yifatiye mu gahanga OMS ku wakabiri, Bwana Trump yarasubiye aranegura kandi ejo ku wa gatatu uwo muryango mu kiganiro n'abanyamakuru, avuga ko uwo muryango "utegerezwa kwerekana neza ibikorwa ushira imbere".

Avuga ko Amerika igiye gukora umwihwezo kugira ngo ifate ingingo nimba ishobora kubandanya itanga intererano yayo muri OMS.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Ati: "Babanje kuvuga ko ari ibinyoma. Tugiye guhagarika amahera dutanga muri OMS".

Eka n'umunyamabanga ajejwe imigenderanire w'ico gihugu Mike Pompeo na we ejo ku wa gatatu yabwiye abanyamakuru ko ubutegetsi bwariko "bwihweza intererano yacu duha OMS".

Pompeo ati: "Amashirahamwe ategereza gukora. Ategerezwa kwerekana ko ariko akora ivyo yiyemeje".

Coronavirus yatanguye kwibonekeza mu kwa 12 kw'umwaka uheze mu gihasagara ca Wuhan mu Bushinwa, ababa muri ico gisagara ubu basubiye kwemererwa gusohoka inyuma y'ivyumweru 11 bugaranywe.

Umwe mu bahanuzi b'umukuru wa OMS yari yavuze ko kubona barakoranye cane n'u Bushinwa "vyabaye ngirakamaro cane" mu gushobora gutahura ivy'iyo ndwara kuva icaduka.

Ayo majambo anegura OMS yashikirijwe na Perezida Trump aje mu gihe ubutegetsi bwiwe bunegurwa cane ko bwavyifashemwo nabi mu guhangana n'ico kiza.

Tedros ntafise ubwoba ko Amerika yohagarika intererano yayo

Ejo ku wagatatu, Dr Tedros yavuze ati: "Ndabasavye, mugire ubumwe mu gihugu cose, reka kugira Covid-19 ikibazo ca politike".

"Ubwa kabiri, isi yose ifatane mu nda. Hanyuma n'ubutegetsi bwa Amerika n'u Bushinwa bube ubutegetsi bwizigiwe".

Yishura ku majambo yavuzwe na Trump, Dr. Tedros yateye akamo ati: "Ibihugu bikomeye vyategerezwa gufata iya mbere, kandi ndabasavye mureke gukorera politike kuri Covid-19".

Amerika ni kimwe mu bihugu bitanga intererano nini muri uwo muryango, ibiharuro vya OMS bikerekana ko itanga ibice 15% vy'amahera yose akoreshwa.

Dr. Tedros ejo ku wagatatu yavuze ko ata bwoba afise kuri ayo majambo yo guhagarika intererano, akavuga ko yizeye ko Amerika izobandanya iyitanga.

Imbere y'aho, umunyamabanga w'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, António Guterres, yari yashikirije ijambo ashigikira uwo muryango.

Yavuze ko coronavirus ari ikiza "kitari bwaboneke", amenyesha ko ivyo kwihweza ingene isi yahanganye naco vyoba ivyo muri kazoza.

Ati : "Ubu ni umwanya wo kuja hamwe, aho isi yose itegerezwa gukorera hamwe, dufatane mu nda kugira ngo duhagarike uwu mugera n'inkurikizi zawo".

Abategetsi b'ibihugu vya Afrika nka Paul Kagame w'u Rwanda, Cyril Ramaphosa wa Afurika y'Epfo na Hage Geingob wa Namibia batangaje ko bashigikiye OMS mu rugamba irongoye rwo kurwanya Covid-19.