Coronavirus: Ni iki kiriko kiraba ku banyafrika mu Bushinwa?

Abanyafrika basohowe aho bari bacumbitse

Ahavuye isanamu, Social Media

Insiguro y'isanamu,

Abanyafrika basohowe aho bari bacumbitse

Mu ntango z'indwi iheze, haradutse ibihuha bitagira ifatiro ko uturere tw'Abanyafrika twabaye ikiririmbiro rishasha rya coronavirus mu gisagara ca Guangzhou mu Bushinwa.

Haciye akanya gato, abajejwe amagara y'abantu baciye baca ku nzu ku nzu bapima abimukira b'Abanyafrika.

Abapangishije amazu hamwe na bene amahoteri bamaze kwirukana Abanyafrika amajana n'amajana.

Abenshi muri bo, harimwo n'abaserukira abandi, bashizwe ku nguvu mu bibanza vyateguwe gushirwamwo abiketswe ko banduye n'aho baba bapimwe bagasanga ntibanduye.

Abaharurwa mu majana muri kino gihe bari mu kangaratete mu gihe hari ubwoba ko ibisagara bimwe bimwe nka Guangzhou bishobora gusubira kwizizirwa n'ico kiza.

Abaserukira ibihugu bitari bike vya Afrika mu Bushinwa baramaze kwandikira umushikiranganji w'imigenderanire w'ico gihugu bamumenyesha akababaro kabo kuri "iryo nenwa n'ivangura".

Ku wa gatandatu uheze, ibiro vy'ubuserukizi bw'u Bushinwa muri Zimbabwe bwarahakanye ivyo vyagirizwa igihugu ciwe mu butumwa bwaciye ku rubuga rwa twitter biti:

"Ubushinwa bufata abantu bose mu gihugu, baba Abashinwa canke abanyamahanga, ku rugero rumwe".

Igisagara ca Guangzhou nico carimwo Abanyafrika benshi ku mugabane wa Aziya gushika mu mpera za 2000, ariko mu myaka itanu irangiye ibitigiri vy'abanyafrika baba muri ico gisagara vyagiye bigabanuka.

Benshi bavuga ko bama bahura n'ibibazo vy'ivangura, bakimwa impapuro z'inzira, eka bakabuzwa no gukora ibikorwavy'ukwiyungunganya.

Hari bamwe bavuga ko ubu vyabaye ngombwa ko baja mu kinyegero.

Mu gihe u Bushinwa bwari buherutse gutangaza ko bwiganzuye umugera wa coronavirus, buvuga ko hari abasubiye kwibonekeza banduye.

Hagati aho abenshi muri bo bavugwa ko ari Abashinwa batashe bavuye mu mahanga.

Ejo ku wa Mungu, leta y'ico gihugu yamenyesheje ko hari bashasha bashika 108 bari banduye.