CENI - Burundi: Abarundi baba hanze ntibazotora kubera ibihe bidasanzwe

Abakozi ba CENI bariko baraharura amajwi nyuma y'amatora ya kamarampaka ku bwirizwa shingiro rishasha

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abarundi 12.933 baba hanze nibo bari biteze gutora

Umurwi wigenga ujejwe gutegura amatora mu Burundi, CENI, umenyesha ko udashobora gutegura amatora ku Barundi basanzwe baba hanze kubera ikiza ca coronavirus.

Ivyo biri murwandiko ubushikiranganji bw'imigenderanire y'u Burundi n'ayandi makungu bwarungikiye abaserukira ico gihugu mu makungu bose.

Ubwo bushikiranganji buvuga ko muri kino gihe uyo murwi "udashoboye gutegura amatora yo ku wa 20/05 ku Barundi baba hanze".

Bamwe muri abo barundi bavuga ko uburenganzira bwabo buhonyanzwe, bagasaba ko leta yohindura iyo ngingo kugira ngo nabo bashobore kuronka ako karyo.

Mw'iryo tangazo, ubwo bushikiranganji bumenyesha ko ikiza ca coronavirus kiriko kiriha inkumbi mu bihugu bitandukanye catumye bifata ingingo zidashobora kworohereza uyo murwi gushikira ubuserukizi bw'igihugu.

Ku wa 20 z'ukwezi kuza kwa gatanu, leta y'u Burundi itegekanya amatora atatu ku munsi umwe, ay'umukuru w'igihugu, ay'abashingamateka be n'ay'abajenama ba komine.

"Gukumirwa"

Bamwe mu Barundi basanzwe baba hanze ntibakiriye neza iyo ngingo, bavuga ko ibakumira mu buzima bw'igihugu.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Manampa (izina twamuhaye) asanzwe aba muri Kenya avuga ko bazoba barenganijwe kubona bazomara imyaka indwi yose batwarwa n'umukuru w'igihugu n'abashingamateka batitoreye canke ngo bagire ico babavuzeko.

Manampa atanga inzira zitatu zishobora gukoreshwa kugira ngo nabo bashobore kugira uruhara muri ayo matora.

Kubw'iwe abona ko leta ikwiye kureka Abarundi bari hanze bagatora bubahirije amategeko y'isuku yafashwe n'abajejwe amagara y'abantu mu bihugu bitandukanye.

Ubwa kabiri, mu gihe umurwi CENI uvuga ko udashobora gushikira ibiro vy'ubuserukizi mu bihugu bitandukanye kubera coronavirus, Manampa wewe avuga ko leta yategerezwa gukoresha ubuhinga bwa none maze igashoboza abo Barundi baba hanze gutora batarinze kuja gutonda kubiro vy'ubuserukizi.

Ubwa gatatu, asaba ko ayo matora yopfuma yigizwa imbere maze agakorwa ico kiza kirangiye.

Abarundi barenga imiliyoni zitanu nibo bari bitezwe gushika ku biro vy'amatora bitandukanye kugira ngo batore abazobarongora.

Muri abo, abashika 12.933 nibo Barundi bari hanze bari biteze gutora, nk'uko ibiharuro bitangwa n'umurwi ujejwe gutegura ayo matora bivyerekana.