Korea y’Epfo niyo ibeshuza amakuru ko Kim Jong-un aremvye

Sibwo bwa mbere havuzwe amakuru atandukanye ku buzima bwa Kim Jong-un

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Sibwo bwa mbere havuzwe amakuru atandukanye ku buzima bwa Kim Jong-un

Abategetsi ba Koreya y'Epfo barahakana amakuru avuga ko umukuru w'igihugu kibanyi ca Koreya ya Ruguru Kim Jong-un yoba ageze ahatemba inyuma y'ukubagwa umutima.

Amakuru yavuga ko Kim Jong-un yoba "aremvye cane", "yataye ubwenge" canke "yoba ariko atora mitende inyuma yo kubagwa" yamye ari amakuru atashoboye kwemezwa.

Hagati aho, ibiro vy'umukuru w'igihugu ca Koreya y'Epfo bimenyesha ko ata kintu na kimwe kiva muri Koreya ya Ruguru cerekana ko uyo mutegetsi w'ico gihugu w'imyaka 36 yoba "aremvye cane".

Eka si nabwo bwa mbere ibihuha ku bijanye n'amagara yiwe vyaduka, ariko mu nyuma bikaza kubeshuzwa.

None ayo makuru yatanguye kuvugwa ryari?

Kim Jong-un ntiyashoboye kwitaba ibirori vyo guhimbaza ivuka rya sekuru wiwe vyabaye ku wa 15 z'uku kwa kane.

Ni ibirori biri mu minsi mikuru ikomeye ihimbazwa uko umwaka utashe, aho abanyagihugu bibuka ivuka vy'uwatanguje igihugu cabo.

Kim Jong-un ntiyari bwigere na rimwe asiba ivyo birori - kandi bikaba biboneka ko ata kintu na kimwe cari kumutuma atavyitaba.

Kubona atashoboye kwitaba ivyo birori vyatumye haduka ibihuha n'ibibazo vyinshi ata muntu n'umwe ashobora gutorera inyishu.

Kim Jong-un aheruka kuboneka mu binyamakuru vya leta ku wa 12 z'uku kwa kane "ariko agenzura umurwi w'indege z'intambara" . Nk'uko vyama, amasanamu yamwerekanye amerewe neza.

Ikizwi ni uko yarongoye inama ikomeye n'abanyepolitike umunsi umwe imbere y'aho, nk'uko yerekanywe n'ibinyamakuru vya leta.

Ariko kuva ico gihe, ntarigera asubira kuboneka.

Ivyo binyamakuru vya leta ntivyigeze bimenyesha nimba yaritabiriye canke atitabiriye ibikorwa vy'igerageza vya vya bisasu vya misire ryabaye mu ndwi iheze. Mu bisanzwe yama yerekanwa ahagarariye ibikora nk'ibi.

Vyari bisanzwe binagoye kumva amakuru kuri Koreya ya Ruguru, ubu hoho rero ibintu vyarunyutse inyuma y'aho ico gihugu cugariye imbibe zaco mu mpera z'ukwa mbere kubera ikiza ca coronavirus.

Amakuru ya mbere avuga ivy'indwara yiwe

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Amakuru yavuga ivy'indwara ya Kim Jong-un yatanguye kuvugwa ku wa kabiri n'ikinyamakuru gica ku rubuga ngurukanabumenyi kiri mu minwe y'abahunze Koreya ya Ruguru.

Umuntu atashatse kwivuga izina yabwiye ikinyamakuru Daily NK ko bisanzwe bizwi ko uyo mutegetsi asanzwe afise ingorane z'umutima kuva mu kw'umunani kw'umwaka uheze "ariko ko ibintu vyunyutse inyuma y'ingendo z'urutavanako yakoze ku musozi wa Paektu".

Iyo nkuru yaciye itangura kuvugwa cane n'ibinyamakuru mpuzamakungu ariko bigasubiramwo ivyavuzwe n'ico kinyamakuru gusa.

Ibinyamakuru bitandukanye vyagumye bifise iyo nkuru gushika aho bironkeye ayandi yavuga ko inzego zijejwe igendereza muri Koreya y'Epfo na Leta Zunze Ubumwe za Amerika zariko zirakurikirana ayo makuru.

Niho mu nyuma hasohoka inkuru ikomeye muri Amerika yavuga ko umukuru w'igihugu ca Koreya ya Ruguru aremvye cane inyuma y'ukubagwa umutima.

Hagati aho, itangazo ryasohowe na leta ya Koreya y'Epfo hamwe n'amakuru ava mu biro vy'igendereza mu Bushinwa - yabwiye itororokanirizo ry'amakuru Reuters ko ayo makuru atari yo.

Ni nkererwa ko abantu bamenya ko gushika ubu ata muntu n'umwe arigera abeshuza ko Kim Jong-un yabazwe canke atabazwa umutima.

Amatangazo asohorwa na Koreya y'Epfo hamwe n'u Bushinwa asa n'ayabeshuza ko uyo mutegetsi wa Koreya ya Ruguru yoba aremvye.

Abanyagihugu ba koreya ya ruguru basanzwe badahabwa amakuru yerekeye amagara y'umukuru w'igihugu cabo.

Sibwo bwa mbere "amara igihe ataboneka"

Mu 2014, Kim Jong-un yarigeze kumara iminsi 40 ataboneka kuva mu ntango z'ukw'icenda - ivyatumye havugwa vyinshi, harimwo n'ayavuga ko yari yakuwe ku butegetsi n'abandi banyapolitike bakomeye.

Mu nyuma niho yerekanwa afise akabando ko kwishimikiza.

Ibinyamakuru vya leta ico gihe vyaremeje ko yari afise ikibazo c'amagara, ariko ntivyashoboye kubeshuza ibihuha vyavuga ko yari arwaye 'goutte'.

Mbega hoba hategurwa iki ku vyerekeye uwushobora kumusubirira?

Nimba hari igishobora gushikira umukuru w'igihugu ca Koreya ya Ruguru, ntibiboneka neza uwoshobora kumusubirira.

Kim Jong-un yaramaze imyaka itari mike ategurwa na se wiwe kurongora igihugu. Ingoma yo mu muryango wa Kim yaboneka ko yari yabungabunzwe.

Mushiki wa Kim, Kim Yo-jong, asa n'uko ari we ashobora guhabwa ayo mahirwe. Hampande y'uko ari mu muryango wa Kim, niwe avugwa cane mu binyamakuru.

Mu kwezi guheze,yarashikirije igihugu ijambo ubwa mbere, kandi niwe muntu yagumye aboneka cane kandi kenshi ari kumwe na musazawe mu makoraniro akomeye.

Hagati aho, ubu ikiriho ni ugutegereza nimba Koreya ya Ruguru ishobora kugira ico ivuze kuri kino gihuhusi c'amajambo avugwa ku magara y'umukuru wayo.

Ukuri ni uko ku bijanye n'amakuru ku bategetsi ba Koreya ya Ruguru, akenshi ni uko hama harimwo igipfungu.