Amatora mu Burundi 2020: Filip Reyntjens asanga CNDD-FDD 'yarashoboye kwihagararako'

Amatora mu Burundi 2020: Filip Reyntjens asanga CNDD-FDD 'yarashoboye kwihagararako'

Mu gihe himirije amatora mu Burundi, turakomeza kwihweza ico ubutegetsi bwahahora busigiye abagiye kubusubirira mu bisata bitandukanye vy'ubuzima bw'igihugu.

Uyu munsi twahisemwo kwihweza uko igihugu cifashe mu bijanye n'imigenderanire hamwe n'intwaro ibereye.

Florentine Kwizera yavuganye na Filip Reyntjens, yari umwigisha muri Kaminuza ya Antwerp mu Bubirigi, yanonosoye inyigisho za politike n'amategeko akaba anakora ubushakashatsi ku karere k'ibiyaga bigari.

Uretse gusubira gutunganya neza intwaro, Filip Reyntjens avuga ko ikibazo c'imigenderanire y'u Burundi n'amakungu yatitutse kuva mu 2015 kiri mu birindiriye uwuzokorera mu ngata Prezida Pierre Nkurunziza.