Burundi: Abarundi n'imigambwe bashikiriza ibitandukanye ku ntsinzi ya Evariste Ndayishimiye

Evariste Ndayishimiye

Ahavuye isanamu, @CnddFdd

Inyuma yo gutorwa by'agateganyo kwa Evariste Ndayishimiye, Abarundi batandukanye eka n'imigambwe bari bahiganywe mu matora ubu baragira ivyo bashikirije bitandukanye, bamwe bashimira uwatowe abandi banegura uko amatora yagenze eka bakanabona ikirego ca Agathon Rwasa ataco kizoshikako.

Bwana Ndayishimiye yatangajwe nk'uwatsinze amatora y'umukuru w'igihugu mu Burundi amenyesha ko "amatora yo ku wa 20 z'uku yerekana ko Abarundi batacigishwa demokrasi, ahubwo ko bageze kuyigisha abandi".

Ivyo yabivugiye mw'ijambo yaraye ashikirije inyuma y'aho umurwi w'amatora (CENI) utangarije ibiharuro vy'imfatakibanza vy'ivyavuye muri ayo matora, ibiharuro biha intsinzi umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi kuva mu 2005.

Umugambwe CNL wa Agathon Rwasa ari wo wahiganwa bikomeye na CNDD-FDD uza ubwa kabiri, ariko ukiyamiriza ivyaraye bitangajwe n'umurwi CENI, ukavuga ko ari wo watsinze ayo matora.

Mw'iryo tangazo, Evariste Ndayishimiye ashimira Abarundi bahisemwo CNDD-FDD, akemera ko "abo bitoreye bazoshikana u Burundi kw'iterambere rirama kandi ridakumira".

Ati: "Intsinzi ya CNDD-FDD yaraye ibonetse, si intsinzi ya CNDD-FDD gusa, ni intsinzi y'Abarundi bose, ni intsinzi ya demokrasi n'abayemera bose muri Afrika no kw'isi yose".

N'aho mu gihe c'ihiganwa hari abanywanyi badasangiye ivyiyumviro bagirijwe gusotorana, Bwana Ndayishimiye wewe ashima ingene imigambwe yahiganywe na CNDD-FDD yigenjeje.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Avuga ko "yagerageje kwihanganira abo badasangiye ivyiyumviro bakigenza neza mu kwigisha Abarundi ivyo biyumvira". Ati: "Amatora yagenze neza muri rusangi".

Bamwe mu bahiganye barashima, CNL yo iriyamiriza ivyo biharuro

Umugambwe UPRONA wari waserukiwe na Gaston Sindimwo, icegera ca mbere c'umukuru w'igihugu, warashimye ivyatangajwe n'umurwi CENI, mbere ukanakeza Bwana Ndayishimiye ku ntsinzi yaronse.

Ni co kimwe n'umugambwe Sahwanya FRODEBU nawo nyene wari muri ayo matora, ukaba wari waserukiwe na Léonce Ngendakumana mu matora y'umukuru w'igihugu.

Usaba abanywanyi bawo kubandanya bafatanye mu nda no kubumbatira amahoro mu kurindira ibiharuro ntabanduka bizoshikirizwa na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro.

Umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi wowo uvuga ko utemera ibiharuro vyatangajwe n'umurwi CENI ujejwe gutegura amatora.

Uyo mugambwe umenyesha ko ivyaraye bitangajwe n'umurwi CENI ari "ivyari vyateguwe mu busuma", ukavuga ko "mu ntara n'amakomine CNL yashoboye kuronkamwo ivyegeranyo vy'ivyavuye muri ayo matora biha intsinzi CNL".

Uyo mugambwe uvuga ko mu gihe c'imyiyamamazo, abanywanyi bayo barenga 300 bapfunzwe, abarenga 50 barakomeretswa, batatu nabo baricwa

Uvuga kandi ko gushika ubu itoteza ry'abanywanyi bayo "ribandanya mu gihugu mu ntumbero yo kubemeza ku nguvu ivyatangajwe n'umurwi CENI".

Abajejwe umutekano n'abategetsi ntaco baratangaza ku bijanye n'ivyo uyo mugambwe ubandanya umenyesha.

Mbega abanyagihugu bobo bavuga iki?

Abanyagihugu bamwe barashima ivyatangajwe bakishimira ingene amatora yagenze, mu gihe hariho abandi nabo babona ko ataho bavuye kandi ataho bagiye.

Baciye ku rubuga rwa Facebook rwa BBC Gahuzamiryango, abatari bake barashima intsinzi ya Evariste Ndayishimiye n'umugambwe CNDD-FDD.

Bamwe bavuga ko kubona Agathon Rwasa ahakana ivyavuye mu matora ari ibisanzwe ku wutavuga rumwe n'ubutegetsi, mbere bamwe ngo ni ko yamye.

Faustin Ndayizeye yandika ati: "Rwasa inama nomugire yihangane, nimba yibwe canke atibwe yicecekere. Hama ndizera neza ko abazungu iyi manda bazoza gufasha bizotuma n'amatora ya 2027 bashiramwo intererano bikazotuma bamufasha kuyacunga neza, nayo kuraya niyihangane kuko ntaba DD aribo batanze intererano bokwemera kumuha ubutegetsi".

Vincent Ndahabageranye avuga ati: "Umwibutsa umwe w'ikirundi uvuga: Buzire ndabwirire !!! n'abivemwo none nko muri 2010!! n'ahebe iyo ngendo mbi igayitse areke kuvuguruza ishaka ry'abenegihugu!!!haburana babiri hagatsinda umwe!!!kandi n'abandi bahiganwe babonye ko barushijwe".

Justin Irakoze wewe yandika ati: "Rwasa shira ahintahe ishize kuko wabaye ntaho nfatwa 2010 twarakiguhaye uragita 2015 turakwongera wongera kugita none amatora rero azokwama yibwa???? Nawe urayiba ukore nkabandi wibaza weho vyokunanira? Ntakundi tekana uzotwara Imana ibishatse".

Ezechiel Sindayi wewe abona ko abo bategetsi babiri bakwiye kuja hamwe bakagira urunani.

Ati: "Ariko habuze umuntu yohuza abo bantu babiri bakaba umwe, ko bose ari bene wa mugabo kandi bagiye mw'ishamba barondera bimwe ese Imana yobaha bakumvikana bishobotse bakaja hamwe, botwara nka chama cha Mapinduzi, CCM, mugabo bikaguma uko bizobagora sinzoba nkiriho ariko igihugu muzocitangira mwebwe nyene".

Hari n'abandi babona ko inzira Bwana Rwasa yahisemwo yo kwitura sentare yerekana ko koko akunda igihugu ciwe.

Karisa Aimable avuga ati: "Nyamara ibintu mu burundi bigiye kuba byiza, iyaba ari ba bagabo ubu bari kuba bahamagaye imigumuko, ariko umugabo uzi ubwenge ati 'tuzitura sentare', ibi bivuze ko Rwasa akunda abarundi adashaka gusesa amaraso ya benewabo nka bamwe babashira mu mabarabara 2015 reka dusengere abaturanyi nabo bazagere nkaho tugeze twiyubaka"

Hari abandi babona ko no kwitura sentare y'u Burundi ari uguta umwanya kuko ngo ni co kimwe na CENI.

Nduwamungu Sylvere ati: "N'iyo sentare agiye kujamwo ni nk'irya CENI, vyose ni ivya CNDD-FDD, rero vyiza ni yiture Imana gusa imwereke icokorwa kuko uno munsi bamutwaye amajwi ejo naho bazomutwara agatwe ku kobo nta kinya bagira".

Banabimana Balthazar yongera ko ati: "Si ndigera mbona uwutavuga rumwe n'ubutegetsi yigera ashima ibivuye mu matora, rero gushingisha urubanza abifitiye uburenganzira, ariko nibaze ko atazohindurako ivyatangajwe n'ugwego rwa CENI".

Chris Matt ati: "Twizere ko uwo yatowe ataje gukomereza ku wo asimbuye, niba ariyo gahunda u Burundi ntaho buvuye ntaho bugiye, vyaba vyiza ahinduye umurongo wa politique, naho nimba nawe azanye ivyo mu rusengero iyi myaka 7 iraba impfagusa k'u Burundi".

Mu masaha atarenga 48, ni ukuvuga gushika kuri uyu wa gatatu 27/05, umugambwe CNL utegerezwa kuba washikanye ibirego muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro mu gusaba ko wotunganirizwa.