Amerika ikeza Abarundi ku ntambwe yo guhanahana ubutegetsi mu mahoro

Ku wa 04/06/2020, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro yaremeje ko Evariste Ndayishimiye ariwe mukuru w'igihugu yatowe
Insiguro y'isanamu,

Ku wa 04/06/2020, sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro yaremeje ko Evariste Ndayishimiye ariwe mukuru w'igihugu yatowe

Igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika kimenyesha ko citeguye gukorana n'umukuru w'igihugu mushasha w'u Burundi, hamwe na leta yiwe mu gutsimbataza intwaro ibereye n'inzego zishingiye ku ntwaro rusangi.

Itangazo ryaraye risohowe n'ubunyamabanga bwa leta bujejwe imigenderanire rivuga ko Amerika yemeye ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro yo kwemeza Evariste Ndayishimiye nk'umukuru w'igihugu mushasha.

Iyo sentare yaremeje ko Evariste Ndayishimiye ariwe mukuru w'igihugu yatowe, ihakana ibirego vyashikirijwe na Agathon Rwasa w'umugambwe CNL avuga ko amatora yibwe, kandi ko sentare yirengagije ivyemezo batanze.

Mw'iryo tangazo, Amerika ihimiriza leta nshasha ko yohuriramwo abo bose bafise uruhara muri politike y'u Burundi kandi igatorera inyishu ibibazo vyose vyibonekeje mu matora.

Rivuga riti: "Nk'abashigikiye demokarasi, dusaba leta gutorera inyishu amakuru avugwa y'ubusuma bw'amatora, ikore amatohoza kandi ikurikirane abafise uruhara ku birego vy'iterabwoba ryakorewe abatora imbere, mu gihe n'inyuma y'amatora".

"Dusaba kandi irekurwa ry'abaserukira imigambwe hamwe n'abandi barorerezi bahagaritswe canke bagapfungwa ku karenganyo kubera uruhara bari bafise mu gucungera amatora".

Amerika ivuga ko ibibazo bihari vyotorerwa inyishu hisunwe amategeko ahari, vyotuma leta nshasha yizigirwa n'abanyagihugu kuvyo yabemereye vyo gukomeza intwaro ibereye, maze abanyagihugu bakaronka uburenganzira bungana mu biraba amatora.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Irakeza Abarundi ku ntambwe bashitseko, cane cane ishaka rya Perezida Petero Nkurunziza, ryo guhererekanya ubutegetsi mu mahoro.

Mw'iryo tangazo, Amerika ivuga iti: "Ni vyaramuka bibaye, bizoba ari imbonekarimwe ku Barundi, kuko buzoba bubaye ubwa mbere mu mateka y'u Burundi aho leta yagiyeho mu mahoro izoba ishikirije ubutegetsi mu mahoro umukuru w'igihugu mushasha yatowe".

Ku wa kane igenekerezo rya 04 z'uku kwa gatandatu, Evariste Ndayishimiye n'umugambwe CNDD-FDD wiwe yaremejwe na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ko ari we yatsinze amatora yo ku wa 20/05/2020.

Iyo sentare kandi yarahakanye ibirego vyari vyashikirijwe n'umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi urongowe n'umushingamateka Agathon Rwasa, ikavuga ko bidafise ishingiro.

Ku ruhande rwiwe, Bwana Rwasa avuga ko atashimishijwe n'ivyo iyo sentare yashikirije, akavuga ati "ibirego twatanze bisa n'aho batigeze banabiraba …twerekana ubusuma bwabaye mu matora".

Avuga ko iyo bagafata umwanya bari kwerekana "mu birego bishika indwi, kimwe kimwe cose ukuntu ata shingiro coba gifise".

Fyonga ng'aha wumvirize ingene Agathon Rwasa avuga:

Insiguro y'amajwi,

Agathon Rwasa ntashimishwa n'ingingo ya sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro

Hagati aho, Inama Nkuru y'abepiskopi b'i Burundi - nayo nyene yari yamenyesheje ko amatora yo ku wa 20/25/2020 yabayemwo utunenge twari gutuma ivyatangajwe ko vyayavuyemwo bitizigirwa - yakeje Evariste Ndayishimiye kubona yizigiwe nk'umukuru w'igihugu mushasha.

Mw'itangazo iyo nama yaraye isohoye, isaba Evariste Ndayishimiye "kuba umukuru w'igihugu wa bose".