Burundi: 'Turiyamirije abatwitiranya n'umugambwe' - Abepiskopi gatolika

Abasenyeri

Ahavuye isanamu, CECAB

Inama y'Abepiskopi b'i Burundi imenyesha ko ibabajwe n'uko hari bamwe bashaka kuyitiranya n'umugambwe biturutse ku gikorwa bakoze mu matora aheruka nk'indorerezi, mbere bakanashikiriza amahinyu bayabonyewo.

Biri mw'itangazo ryasomwe n'umukuru w'iyo nama musenyeri Joachim Ntahondereye atanga umuco ku ruhara rwayo muri ayo matora.

Iyo nama imenyesha ko itishimiye ingene sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro yavuze ivyo yashikirijwe "nk'uko yoba yaritwaye ku vyerekeye amatora".

Ku wa 04 z'uku kwa gatandatu, iyo sentare niho yashikiriza ivyavuye mu matora yo ku wa 20/05/2020, aho yanavuze ko utunenge twashikirijwe n'inama y'abepiskopi b'i Burundi, co kimwe n'ibirego vyatanzwe n'umugambwe CNL utavuga rumwe n'ubutegetsi ata shingiro bifise.

Mw'iryo tangazo, musenyeri Joachim Ntahondereye arongoye inama y'abepiskopi amenyesha ko itigeze yitwara muri sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingio.

Ati: "Ico yakoze kwabaye ukugira ico ishikirije icese ku vyerekeye igikorwa c'uburorerezi yari yaronkeye uruhusha".

Abasenyeri b' i Burundi bavuga ko ata mvo n'imwe yari ihari y'uko bitwara ngo kuko uruhara rwabo muri ayo matora cari igikorwa c'umurorerezi kandi bakagendera ku ngingo ngenganyifato y'abarorerezi b'amatora.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Avuga ko igikorwa c'abarorerezi kwari ukwandika n'ukugumya gusa amahinyu y'ivyabaye yiboneye n'amaso yiwe gusa.

Musenyeri Ntahondereye ati: "Turababajwe n'uko Inama y'abepiskopi yafashwe mu buryo butumvikana nk'uko yoba yaritwaye , ivyo navyo bigatera agapfungu mu mitima y'abantu".

"Turanse ko twitiranywa n'umugambwe canke n'umuntu uwo ari we wese yahiganywe mu matora".

Inama nkuru y'abepiskopi b'i Burundi, CECAB, yararungitse abarorerezi bayo barenga 2,700 mu makomine yose bashoboye kuja mu tuzu tw'amatora bahisemwo, nk'uko babivuga mw'itangazo ryabo ryo ku wa 26/05, iminsi ine inyuma y'ayo matora.

Mw'iryo tangazo bari bamenyesheje ko ayo matora yabayemwo utunenge twari gushobora gutuma ivyari gutangazwa ko vyayavuyemwo bishobora kutizigirwa.

Inyuma y'iryo tangazo, hari bamwe babonye ko Ekleziya Gatorika mu Burundi itari yishimiye ivyari vyaraye bitangajwe n'umurwi CENI ko ari vyo vyavuye mu matora.

Hagati aho, inyuma y'aho Evariste Ndayishimiye w'umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi atangarijwe burundu na sentare ijejwe kwubahiriza ibwirizwashingiro ko ari we yatsinze ayo matora, iyo nama y'abepiskopi yaranamukeje mw'itangazo ryayo ryo ku wa 05/06, inamusaba kuba "umukuru w'igihugu wa bose".