Coronavirus - Burundi: Leta imenyesha ko hari abandi 20 banduye

Abantu 83 nibo bamaze kumenyekana ko banduye coronavirus mu Burundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Abantu 83 nibo bamaze kumenyekana ko banduye coronavirus mu Burundi

Ubushikiranganji bw'amagara y'abantu n'ukurwanya SIDA mu Burundi bumenyesha ko hari abantu 20 babonywe ko banduye umugera coronavirus.

Mw'itangazo bwaraye busohoye, ubwo bushikiranganji bumenyesha ko abo 20 bari mu bantu 98 bapimwe uwo mugera kuva ku wa 01 gushika ku wa 04 z'uku kwa gatandatu.

Ibi biharuro bishasha bitangajwe inyuma y'aho ishirahamwe OLUCOME rimenyeshereje amakenga yaryo ku bijanye n'amakuru ashikirizwa na leta y'u Burundi kuri mugera uriko urakora ibara kw'isi yose.

Nk'uko vyama, ubushikiranganji bw'amagara y'abantu ntibutanga umwidondoro w'abo bantu bashasha banduye iyi ndwara ya Covid-19.

Iryo tangazo rimenyesha ko mu bari basanzwe bakirwaye iyo ndwara bashika 29, 12 muri bo bapimwe bagasanga barakize, kandi ko baronkejwe uruhusha rwo gusubira mu miryango yabo.

Gushika ubu, ibiharuro vyerekana ko abantu 83 aribo bamaze kwandura uwo mugera; muri abo 45 bakaba bamaze gukira, nayo 37 bakaba ari bo bakirwaye, umwe akaba yaritavye Imana.

Gushika ubu, nta ngingo zirafatwa na leta y'u Burundi mu ntumbero yo kuzibira ikwirakwira ry'uwo mugera nk'uko vyagenze mu bindi bihugu vyo mu karere.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Hari bamwe babona ko amakuru atangwa na leta ku vyerekeye iyo ndwara yoba atajanye n'ukuri ku kungene yifashe mu gihugu.

Ishirahamwe ryigenga OLUCOME ryiyemeje kurwanya igiturire n'isesagurwa ry'ubutunzi bwa leta, riherutse gusohora itangazo aho rinegura leta ko ititayeho uko bikwiye ikiza ca Covid-19.

Olucome yibaza ko amakuru atangazwa ashobora kuba ari kure y'ukuri kw'ivyo Abarundi bibaza, ikanasaba leta y'u Burundi kureka kwizimagiza imbere y'iki kiza kiriko kiriha inkumbi kw'isi.

Mu minsi iheze hari amakuru yakwiriye ku mbuga ntangamakuru ko hari bamwe mu bategetsi muri leta y'u Burundi boba baranduye iyi ndwara, ibihakanwa n'umuvugizi wa leta.

Ayo makuru akaba yakwiragiye inyuma y'aho umutambukanyi w'umukuru w'igihugu, Denise Nkurunziza agiriye muri Kenya kuvurwa indwara itaramenyekana gushika ubu.

Vyaravuzwe cane ko yagiye i Nairobi kwivuza uwu mugera, ariko ayo makuru akaba yarahakanywe n'umwe mu bakozi bo mu biro vy'umukuru w'igihugu BBC yabajije ariko atashatse ko izina ryiwe rimenyekana .

Umugera wa coronavirus watanguye kumenyekana mu mpera z'umwaka uheze mu gisagara ca Wuhan mu Bushinwa, ubu ukaba ubarizwa kw'isi yose.

Ku wa 31 z'ukwezi kwa gatatu niho leta y'u Burundi yatangaza umuntu wa mbere yanduye uwo mugera.