Burundi: Hari Perezida yatowe n’uwugenwa n’ibwirizwashingiro, hitezwe iki?

Ahakorera umuryango w'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko amabendera yadugijwe gushika hagati mu kwifatanya n'u Burundi mu bihe vy'akababaro

Ahavuye isanamu, EAC Media Centre

Insiguro y'isanamu,

Ahakorera umuryango w'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko amabendera yadugijwe gushika hagati mu kwifatanya n'u Burundi mu bihe vy'akababaro

Inyuma y'umunsi umwe leta itangaje ko Perezida Pierre Nkurunziza yasandavye, kugeza ubu nta wuratangazwa amusubirira. Mu gihugu hari umukuru w'igihugu yatowe akirindiriye kurarahira, hamwe n'uwugenwa n'ibwirizwashingiro ko asubirira perezida wa repubulika iyo asandavye.

Nta kindi gihe muri kahise k'u Burundi vyabaye ko umukuru w'igihugu atabaruka hari kandi uwatowe ategereje gusa kumusubirira.

Umukuru w'inama nshingamateka niwe uhabwa amabanga mfatakibanza yo kurongora igihugu iyo uwakirongora asandavye, ibi biteganywa n'ingingo ya 121 y'ibwirizwashingiro.

Mu butegetsi bw'ibihugu za leta zihutira gusubiriza umukuru w'igihugu iyo habaye impamvu nk'urupfu kugira ngo ntihabeho igihengeri ku mwanya w'umukuru w'igihugu.

Umuvugizi wa leta y'u Burundi Prosper Ntahorwamiye yabwiye BBC Gahuzamiryango ko "inzego zibanza kubaza urukiko rw'itegeko nshinga".

Ati: "...biga (bihweza) ku bijyanye no kubura k'ubutegetsi, bifite iminsi bifata, hariho inzira zigomba gukurikizwa".

Umukuru w'igihugu c'u Burundi yaryamiye ukuboko kw'abagabo mu gihe mu kwezi kw'umunani yari guhererekanya ubutegetsi na Evariste Ndayishimiye yatsinze amatora eka yamaze no kwemezwa burundu.

Ivyitezwe nuko hashirwako umukuru w'igihugu w'imfatakibanza akaba ari we uzoshikiriza ubutegetsi uwatowe. Gusa gushika ubu nta uzi neza niba ibi bidashobora guhinduka.

Ubutegetsi mu Burundi ntaco buratangaza ku wusubirira Pierre Nkurunziza, gusa uwo amategeko ategekanya ubu ni Pascal Nyabenda.

Pascal Nyabenda ni nde?

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Umushingamateka Pascal Nyabenda arongoye inama nshingamateka kuva mu mwaka wa 2015, inyuma y'amatora yabayemwo impari nyinshi cane zatumye igihugu cinjira mu ndyane za politike, n'ubu ibikomere bitarahera.

Yavukiye ku musozi Gahongore wa komine Bubanza, intara ya Bubanza mu 1966. Amashure y'intango n'ayisumbuye yayize ku mugwa mukuru wa Bubanza, abandaniriza ivyigwa vya kaminuza kw'ishure kaminuza y'igihugu.

Mu buzima bwiwe bwa politike, igihe u Burundi bwinjiye mu ntwaro ishingiye ku migambwe myinshi, Bwana Nyabenda yinjiye mu mugambwe PP (Parti du Peuple) mu 1992 wakoranye n'umugambwe Sahwanya-Frodebu watsinze amatora yo mu 1993.

Uwo mwaka yagenywe kuba musitanteri wa komine Mpanda atanzwe n'umugambwe PP nyene.

Igandagurwa rya Perezida Melchior Ndadaye ku wa 21/10/1993, ryatumye igihugu cinjira mu ntambara hagati ya bene Burundi, bituma Pascal Nyabenda ata agahungira i Nairobi muri Kenya aho yamaze umwanya utari muto imbere y'uko asubira mu gihugu.

Ahavuye isanamu, @nshingamateka

Insiguro y'isanamu,

Ibwirizwashingiro rivuga ko umukuru w'inama nshingamateka ariwe ahabwa amabanga mfatakibanza mu gihe nk'iki. Kw'isanamu ni Pascal Nyabenda

Pascal Nyabenda yarinjiye mu mugambwe CNDD-FDD ari naho yaronkeye amabanga yo kuba buramatari w'intara ya Bubanza mu 2006.

Mu mwaka wa 2010, Bwana Nyabenda yatowe kuba umushingamateka mu mugambwe CNDD-FDD, aho yabaye umukuru w'umurwi w'abashingamateka bakomoka muri CNDD-FDD, anarongora umurwi w'inama nshingamateka ujejwe ubutungane n'agateka ka zina muntu.

Mu mwaka wa 2012 niho yatowe ngo arongore umugambwe CNDD-FDD, amabanga yaranguye gushika mu 2016, aho habereye itunganywa gushasha ry'uyo mugambwe, maze asubirirwa na Evariste Ndayishimiye, nk'umunyamabanga mukuru w'umugambwe.

Mu mwaka wa 2015, inyuma y'amatora yandurutsemwo indyane za politike, Bwana Nyabenda yatorewe kuba umukuru w'inama nshingamateka, amabanga akirongoye gushika kino gihe.