Burundi: Abantu batatu baciriwe gupfungwa imyaka 30 bagirizwa gushaka kugandagura umukuru w’igihugu

Kayanza

Abantu batatu bo mu ntara ya Kayanza mu buraruko bw'u Burundi baciriwe umunyororo w'imyaka 30 bagirijwe ko bashatse kugandagura umukuru w'igihugu.

Iradiyo Isanganiro ikorera muri ico gihugu ivuga ko umushikirizamanza muri iyo ntara yabagirije gutera amabuye atatu mu masaha y'umugoroba imodoka zigendanira umukuru w'igihugu mu gihe yari mu rugendo ku munsi wa gatatu muri iyo ntara.

Abagabo babiri n'umugore umwe bagirijwe, bose barahakana ivyo bagirizwa, n'aho ubucamanza buvuga ko ayo mabuye yavuye muri ico gituro bakoreramwo.

Babiri muri abo bagirizwa basanzwe bakora ku gituro ca kompanyi igurisha igitoro muri iyo ntara, uwundi umwe ni umufundi w'amamodoka akorera muri ico gituro.

Umwe mu basanzwe baba mu gisagara ca Kayanza yabwiye BBC ko ivyo gutera amabuye imodoka igendanira umukuru w'igihugu bimaze kuba hafashwe abantu benshi.

Ati: "Buhoro buhoro bagiye babasobanura bamwe babarekura hasigaramwo batatu, umugore umwe n'abagabo babiri, abo rero nibo ejo (ku wa Mungu) bakatiwe gufungwa imyaka 30".

Muri urwo rubanza ubushikirizamanza muri iyo ntara bubagiriza "kutamenyesha inzego z'umutekano umutekano w'umukuru w'igihugu n'abo bagendana ubangamiwe".

Ubushikirizamanza bwabasabiye umunyororo w'imyaka indwi n'amezi atandatu, ariko sentare yarahinduye urwo rubanza ibacira umunyororo w'imyaka 30 ibagirije ko bashatse kugandagura umukuru w'igihugu nk'uko iyo radio ibivuga.