Ubushinwa bwafatiye ibihano abakenguzamateka ba Amerika

Marco Rubio na Ted Cruz ni abantu bakomeye mu mugambwe w'aba Repubulika

Ahavuye isanamu, Reuters/Getty

Insiguro y'isanamu,

Marco Rubio na Ted Cruz ni abantu bakomeye mu mugambwe w'aba Repubulika

Ubushinwa bumenyesha ko bugiye gufatira ibihano abanyamerika 11 harimwo abakenguzamateka n'abandi bategetsi bakomeye.

Hagati ya Amerika n'Ubushinwa, ni 'ijisho ku rindi, iryinyo ku rindi' , ibi bihano bije inyuma y'aho Leta Zunze Ubumwe za Amerika zifatiye ibihano abategetsi 11 ba Hong Kong n'incuti zabo bagirizwa ko bahonyanga uburenganzira bwa politike.

Mu bategetsi ba Amerika bafatiwe ibihano harimwo abakenguzamateka Ted Cruz na Marco Rubio, hamwe na Kenneth Roth, uyobozi nshingwabikorwa w'ishirahamwe Human Rights Watch.

Hagati aho, nta bihano vyafatiwe abategetsi ba leta ya Donald Trump. Harwiriyemwo abakenguzamateka bo mu mugambwe w'aba Repubulika wa Perezida Trump, hamwe n'abakuru b'amashirahamwe yigenga.

Ubushinwa bumenyesha ko ivyo bihano vyafashwe mu kwihora ivyo Amerika yafatiye abategetsi ba Hong Kong.

Umuvugizi w'ubushikiranganji bw'imigenderanire w'Ubushinwa, Zhao Lijian, ati: "Mu kwishura kuri izo nyifato mbi za Amerika, Ubushinwa bwafashe ingingo yo gufatira ibihano abantu bitwaye bunyamaswa ku bibazo vya Hong Kong".

Ntiyasiguye ivyo bihano ivyo ari vyo.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Kuva mu mezi aheze, imigenderanire hagati y'ibi bihugu vyompi vya rutura yagiye iratosekara.

Leta Zunze Ubumwe za Amerika ziranegura bikomeye Ubushinwa ku ngendo yabwo muri Hong Kong, ikubagurwa bukorera inkehwa zo mu bwoko bw'aba Uighur, hamwe n'ingene bwifashe imbere y'ikiza karanda ca coronavirus.

Perezida Trump yamye agerageza guta ishavu ku Bushinwa igihe cose umugera wa coronavirus wagiye wiyongera muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, akama yita iyi ndwara "umugera w'Ubusinwa".

Ku wa gatanu w'indwi iheze, Trump yarateye igikumu kw'itegeko rifatira ibihano umuyobozi mukuru wa Hong Kong, Carrie Lam, hamwe n'abategetsi b'igipolisi co kimwe n'abahoze bakirongoye, mu gufata amatungo yabo no kubuza Abanyamerika gukorana nabo.

Avuga kuri ivyo bihano, Zhao Lijian avugira ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubushinwa avuga ko iki gihugu "ciyamiriza ibi bihano kandi ko kirwanya bikomeye uku kwivanga mu biraba Hong Kong".

Yognerako ati: "Nshaka gushimangira ko Hong Kong ari Hong Kong y'Ubushinwa kandi ko ibibazo vya Hong Kong ari ibibazo biraba Ubushinwa kandi ko ata bihugu vyo hanze bishobora kuvyivangamwo".

"Ubushinwa busaba Amerika kumenya uko ibintu bimeze, igakosora amakosa yayo, aho kubandanya yinjira mu nzira mbi".

Abo bategetsi ba Amerika bafatiwe ibihano n'Ubushinwa kuri uyu wa mbere bari mu baneguye Ubushinwa ku ngendo yabwo mu bibazo vya Hong Kong, aho itegeko riherutse gufatwa n'Ubushinwa rigabanya ubwigenge bwa politike muri iyo ntara.

Roth, umwe muri abo bategetsi bafatiwe ibihano n'u Bushinwa yamenyesheje ku rubuga rwa Twitter ko ibi bihano "ari ugushaka kusamaza abantu gusa ku bikorwa vyo guhonyanga uburenganzira bw'abanyagihugu ba Hong Kong".