Intwazangabo w'umwirabure mu gipolisi c'u Bwongereza yahohotewe kubera ivanguramoko

Charles Ehikioya amaze imyaka irenga 22 mu gipolisi c'u Bwongereza
Insiguro y'isanamu,

Charles Ehikioya amaze imyaka irenga 22 mu gipolisi c'u Bwongereza

Intwazangabo y'umupolisi w'umwirabure avuga ko yakorewe ihohoterwa rishingiye kw'ivanguramoko inyuma y'uguhagarikwa n'abapolisi babiri b'abazungu.

Charles Ehikioya yashoboye gufata ireresi y'ingene abo bapolisi b'abazungu bamuhagaritse ataco bamuhoye mu gihe yari atashe avuye ku kazi mu bumanuko bw'igisagara ca Londres.

Yabwiye BBC ko inyifato y'abo bapolisi yerekana ko "bakoresheje ububasha bahabwa n'akazi" kugira bamuhohotere.

Igipolisi c'u Bwongereza kivuga ko ataco cabonye kijanye n'inyifato mbi.

Mu birego vyiwe yashikirije ibiro vy'igipolisi, iyi ntwazangabo y'umwirabure w'imyaka 55 avuga ko ku wa 23/05 yari avuye ku kazi abo bazungu bagaca bamwuma inyuma gushika ku birometero birenga bitatu imbere y'uko bamuhagarika.

Mu gihe umwe muri abo bapolisi yamwegera, Komiseri Ehikioya avuga y'uko yabonye ko uwariko amubaza atari yakije kamera yari yambaye yo gufata amashusho, ari naco catumye yanka kuva mu modoka yiwe.

Avuga ko we yaciye atangura gufata amasanamu y'ingene vyariko bigenda mu ntumbero yo kwikingira, ari naho rero uyo mupolisi yaca abona kwatsa kamera yiwe.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Muri iyo reresi yahawe BBC, uyo mupolisi avuga ko Komiseri Ehikioya yahagaritswe kubera yariko agendesha imodoka ku muvuduko urenze urugero, kandi "bisa n'uko itara ritukura ryo kugabisha ko yarengeje umuvuduko ryari ryamaze kwaka".

Uyo mupolisi avuga ko yashaka kuraba ko Komiseri Ehikioya yari afise uruhusha rwo kugendesha imodoka, ko imodoka itari iyibwe, ko atariko ayigendesha yaborewe canke ko atariko akoresha terefone yiwe ayigendesha.

Uyo mupolisi yiregura avuga no Komiseri Ehikioya yariko agendesha imodoka mu buryo buteye amakenga, ivyo wewe yiyamiriza nk'uko biboneka muri iyo reresi.

Komiseri Ehikioya yahavuye yagirizwa ko atorohereje abo bapolisi igihe bariko bamubaza, uyo mupolisi wewe akavuga ko yakoze uko yategerezwa gukora, nk'uko vyumvikana.

Komiseri Ehikioya amaze imyaka irenga 22 mu gipolisi c'u Bwongereza avuga ati: "Ivyo banyagiriza vyari gutuma nshobora gutakaza akazi kanje kose".

Mu birego yatanze, Komiseri Ehikioya yanditse ati: "Abo bapolisi ntibigeze bemera canke ngo bahe agaciro akazi kanje nk'umupolisi, kubera ndi umwirabure".

"Biraboneka neza ko bompi ari abanyamacakubiri bagomba kunyereka ko ari intungane mu gihe bariko banyagiriza ivyo banyagiriza ata n'ivyemezo bafise ko hari icaha nari nakoze canke ko hari amategeko y'ibarabara nari nahonyanze".

Komiseri Ehikioya amaze kubereka ko ari umupolisi, mu nyuma bikaba ngombwa ko abereka ikarata yiwe, bompi baciye banyika nk'ifu y'imijira.

Yakorewe ivyo kubera yari umwirabure

Igipolisi kimenyesha ko Komiseri Ehikioya atapfunzwe, canke ngo aburanishwe, canke ngo agabishwe ku caha na kimwe gifitaniye isano n'ivyabaye.'

Komiseri Ehikioya yongerako ati: "Ndazi ko nakorewe ivyo kubera ivanguramoko kandi nta n'ikigongwe bansavye".

"Mfise abana n'umwuzukuru, sinipfuza ko bokorerwa ivyo nakorewe".

Igipolisi c'u Bwongereza kimaze igihe gishinzwe ijisho bikomeye kuva hadutse imyiyerekano iturutse kuri rya sekeza rya Black Lives Matter no mu Bwongereza, biturutse ku rupfu rw'umwirabure w'umunyamerika George Floyd.

Mu ndwi iheze, umushingamateka w'Ubwongereza Dawn Butler yasavye ko "amategeko ahinduka" inyuma y'aho we n'umugenzi wiwe w'umwirabure bahagarikiwe bagasohorwa mu modoka n'abapolisi bari mu modoka zibiri mu buseruko bwa Londres.

Ni inyuma y'aho igipolisi c'Ubwongereza gisabiye imbabazi umunonotsikazi Bianca Williams inyuma y'aho we n'umukunzi wiwe, bose b'abirabure, bahagarikiwe bagasohorwa mu modoka yabo bakayisopa mu burengero bwa Londres.

Lawrence Davies wo mw'ishirahamwe ry'abashingwamanza, Equal Justice Solicitors, ari nawe aburanira komiseri Ehikioya, avuga ko ivyabaye ku mukiriya wiwe vyerekana urugero ivanguramoko mu gipolisi c'u Bwongereza rigezeko muri kino gihe.

Igipolisi kimenyesha ko cakiriye urubanza rw'uwitwaye avuga ko yakubaguwe kubera ivanguramoko kandi ko amatohoza yatanguye.