Tanzania ivuga ko itazongera guha impunzi z’Abarundi ubwenegihugu mu kivunga

George Simbachawene

Ahavuye isanamu, WizarayaMamboyaNdani

Insiguro y'isanamu,

Umushikiranganji George Simbachawene yiboneye ingene impunzi zo mw'ikambi ya Mtendeli zariko zitegura ngo zitahuke

Umushikiranganji w'intwaro yo hagati wa Tanzania abwira Abarundi bahungiye muri ico gihugu ko Tanzania itagisubira gutanga ubwenegihugu ku mpunzi nk'uko vyagenze mu myaka mike iheze.

Ivyo biri mu butumwa umushikiranganji George Simbachawene ariko ahereza impunzi z'Abarundi ziri mu makambi ya Tanzania mu rugendo arimwo mu ntara za Kigoma, Tabora na Katavi basanzwe batuyemwo.

Uyu munsi kuwa kabiri, igihe yagendera ikambi y'impunzi ya Mtendeli iri muri District ya Kakonko, Bwana Simbachawene yashoboye kwibonera impunzi zariko zitekera imigizo yazo kugira ngo zitahuke.

Avugana n'Abarundi basanzwe baba mw'ikambi ya Nyarugusu iri muri District ya Kasulu ejo ku wa mbere, bwana Simbachawene yabibukije icatumye bahungira muri Tanzania mu 2015, ko wari umutekano muke warangwa mu gihugu.

Abibutsa inzira zitatu zo kurangiza ikibazo c'impunzi izo nazo zikaba ari ugutahuka mu gihugu c'amavukiro, uguhabwa ubwenegihugu iyo wahungiye, canke guhabwa ubuhungiro mu kindi gihugu kigira gatatu.

Ahimiriza izo mpunzi guhitamwo uguhunguka bagasubira mu gihugu cabo, Bwana Simbachawene yumvikana avuga ati:

"Muri izo nzira zitatu rero, wewe ufise ubwenge, uzi ko wipfuza gutegura imigambi ya kazoza kawe, uzi ko kuba mu mahanga hari uburenganzira uba udafise, ukabandanya uri umwana muto arindirije kugaburirwa, utazi ingene uzobaho ejo, ni vyiza ko wiyumvira ugahitamwo inzira ibereye".

Yongerako ati: "Nobasaba ko mwiyandikisha muri benshi kugira muje kwubaka igihugu canyu, kuko kuguma ng'aha ni uguta umwanya, n'aho mwoba mu munezero umeze gute".

Ubwenegihugu, ubuhungiro i Bulaya

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Asigura ku bijanye n'uguhabwa ubwenegihugu mu gihugu wahungiyemwo, Bwana Simbachawene yibukije ko hari impunzi zahunze mu 1972 zirenga ibihumbi ijana bahawe ubwenegihugu bwa Tanzania, ariko ko "ivyo bitazigera bisubira".

Ati: "Leta ya Tanzania ku bushake bwayo hariho abo yahaye ubwenegihugu, ariko hari n'abatarashobora kuburonka gushika ubu".

"Nagomba ndababwire, ibi ntituzobisubira. Birya vyo gutanga ubwenegihugu mu kivunga ntibizigera bisubira, kuko n'abo twahaye ubwo bwenegihugu ntibashoboye kuja kuba hamwe n'abandi banyagihugu, bagumye mu makambi".

Mu gihe muri izo mpunzi hari abipfuza kuronswa ubuhungiro bugira gatatu, cane cane mu bihugu vya Bulaya, Bwana Simbachawene abahanura ko ivyo bobivana mu mutwe "na rirya n'ikiza ca coronavirus atawuzi ngo kizohera ryari".

Ku ruhande rw'u Burundi, leta imenyesha ko ibandanya yakira abahunguka bavuye mu makambi atandukanye muri Tanzania.

Kuri uyu wa kabiri, Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n'iterambere ry'amakomine bumenyesha ko bwakiriye abashika 376 batashe mu gihugu baciye muri komine Gisuru mu ntara ya Ruyigi mu buseruko bw'igihugu.