Amakuru avugwa ahandi kw'isi kuri Covid-19

Umukuru w'igihugu ca Brezili Jair Bolsonaro yagirizwa ko yafashe minenerwe ikiza ca covid-19
Insiguro y'isanamu,

Umukuru w'igihugu ca Brezili Jair Bolsonaro yagirizwa ko yafashe minenerwe ikiza ca covid-19

Ikompanyi y'u Bushinwa ivuga ko urucanco ruzoba rwabonetse mu mpera z'umwaka

Ikompanyi y'u Bushinwa ihingura imiti, Sinopharm, itangaza ko yiteze kuba yakoze urucanco imbere 'yuko uyu mwaka urangira.

Umukuru w'iyi kompanyi, Liu Jingzhen, yabwiye abanyamakuru ko uru rucanco ubu rugeze ku ntambwe ya gatatu rugeragezwa kandi ko ruzoshobora kuja kw'isoko imbere 'y'uko ukwa cumi na kabiri kurangira.

Gushika ubu incanco zirenga 200 ziriko zirageragezwa kw'isi, kandi izirenga 20 ubu ziri ku ntambwe yo kugeragerezwa ku bantu.

OMS/WHO igabisha ko 'incanco ziriko zigunganywa n'ibihugu bimwe'

Iki kiza kiriko kirunyurwa n'uko hari ibihugu biriko birigungana urucanco rwa Covid-19, nk'uko bivugwa n'ishami ryitaho amagara y'abantu kw'isi.

Mu nama yakorewe ku mbuga ngurukanabumenyi, Tedros Adhanom Ghebreyesus, umukuru wa OMS, yavuze ati: "Muri kino gihe, igikenewe ni uko ibihugu vyose bikorera hamwe ku nyungu za buri gihugu - mu gihe hazoba hari uwudatekaniwe, nta n'umwe azoba atekaniwe".

"Dukeneye kurwanya ko urucanco rwa Covid-19 rwigunganwa n'ibihugu kanaka".

Urukino rwo kwugurura ihiganwa ry'u Bufaransa rwungurujwe

Insiguro y'isanamu,

Urukino rwo kwugurura ihiganwa ry'u Bufaransa hagati ya OM na Saint Etienne rwungurujwe

Urukino rwa mbere rwo kwugurura ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bufaransa, Ligue 1 rwari rutegekanijwe kuri uyu wa gatanu rwungururijwe ku wa 16 canke 17 z'ukw'icenda.

Iyo ngingo ifashwe inyuma y'aho hari abandi bakinyi batatu ba Olympique de Marseille (OM) batangajwe ko banduye umugera, bakaba babaye bane bo muri uyo murwi banduye, vyumvikana ko urukino rwari rutegekanijwe n'umurwi wa Saint Etienne vyabaye ngombwa ko rwunguruzwa.

'Abanyagihugu ba Brezili ni ibigaba '

Brezili ni kimwe mu bihugu bibangamiwe n'ikiza ca coronavirus, aho abamaze kuwandura baharurwa mu miliyoni zitatu n'inusu, nayo abarenga 100.000 bamaze gupfa. Umukuru w'ico gihugu Jair Bolsonaro yafashe minenerwe ingaruka z'iki kiza, aho yagifashe n'ibicurane bisanzwe.

Mu kiganiro na BBC, icegera c'umukuru w'igihugu, Hamilton Mourão, yashigikiye ingendo yafashwe na leta, avuga ko n'aho igihugu catakaje abanyagihugu baco, leta iriko irakora igikorwa gikomeye.

Abandanya avuga ko ubugaba buri mu banyabrezili aribwo bwatumye ingingo zo gutandukana zidakurikizwa.

Ibihumbi n'ibihumbi muri Argentine barenze ku mategeko ya guma mu rugo baja mu myiyerekano

Insiguro y'isanamu,

Ibihumbi n'ibihumbi muri Argentine barenze ku mategeko ya guma mu rugo baja mu myiyerekano

Abantu ibihumbi n'ibihumbi muri Argentine birengagije ingingo za guma mu rugo ku mugwa mukuru Buenos Aires baja mu myiyerekano yo kwiyamiriza leta ejo ku wa mbere. No mu bindi bisagara kwari uko. Abari muri iyo myiyerekano bari bafise uburakari, bamwe biyamiriza ingene leta yafashe iki kiza.

Leta y'ico gihugu yarafashe ingingo za guma mu rugo kuva ku wa 20 z'ukwa gatatu, ariko zikaba zagiye ziratezurwa mu gihugu hagati, ariko umukuru w'ico gihugu Alberto Fernández akaba yarakomeje izo ngingo ku mugwa mukuru Buenos Aires no mu micungararo yaho gushika ku wa 30 z'uku kw'umunani.