Ubudagi buvuga ko Navalny, wa murusiya atavuga rumwe n'ubutegetsi, 'yahawe isumu Novichok'

Navalny

Ahavuye isanamu, Reuters

Wa munyapolitike w'umurusiya atavuga rumwe n'ubutegetsi Alexei Navalny yahawe isumu yitwa Novichok, nk'uko bitangazwa na leta y'Ubudagi.

Ivuga ko ibipimo vyakorewe mu kigo c'ipimiro (laboratoire) ca gisirikare vyerekana "ibimenyetso ntakekeranywa" vy'isumu yo mu bwoko bwa Novichok.

Bwana Navalny yasimbanywe n'indege i Berlin kugira avurwe, inyuma y'aho vyankiye ari mu ndege yari imuvanye mu karere ka Siberie mu Burusiya mu kwezi guheze. Kuva ico gihe ari muri koma.

Abakorana nawe bavuga ko yahawe iyo sumu kw'itegeko rya Prezida Vladmir Putin ubwiwe, ibihakanwa n'ibiro vyiwe Kremlin.

Ubudagi buvuga ko bwiyamirije bwivuye inyuma iki gitero, kandi bugasaba ko Uburusiya bwotanga insiguro vuba bwango.

Leta y'Ubudagi iti: "Ni ikintu kibabaje kubona Alexei Navalny ahabwa isumu mu Burusiya".

Iryo tangazo rivuga ko umushikiranganji wa mbere Angela Merkel yabonanye n'abashikiranganji bakuru kugira ngo barabire hamwe icokorwa.

Uburusiya bumenyesha ko ata nkuru bwigeze buronka ivuye mu Budagi ivuga ko Navalny yarozwe hakoreshejwe Novichok, nk'uko itororokanirizo ry'amakuru ry'Uburusiya Tass ribivuga.

Leta y'Ubudagi imenyesha ko igiye kumenyesha Umuryango w'ibihugu vy'Ubulayi hamwe n'ishirahamwe OTAN ryo kwivunira hamwe umwansi ivyo yatoye muri ivyo bipimo.

Iri tangazo riti: "Leta igiye kuvugana n'incuti kugira ngo hatorerwe hamwe inyishu ikwiye kuri kino kibazo c'Uburusiya".

Rivuga kandi ko umugore wa Navalny Yulia Navalnaya hamwe n'uwuserukira Uburusiya mu Budagi nabo nyene bazoronswa inyishu zi'ibi bipimo.

None Novichok ni iki?

Iri jambo Novichok risigura "umushitsi" mu kirusiya, kikaba ari ubwoko bw'isumu imugaza imitsi yakozwe n'icahoze citwa leta Zunze ubumwe z'aba Soviyeti (Union Sovietique) mu myaka ya 1970 na 1980.

Isumu yo mu bwoko bwa Novichok ituma imitsi - harimwo n'iyo mu mutima n'iyituma uhema - idakorana hagati yayo, ibi navyo bigatuma ibihimba vyinshi vy'umubiri bidasubira gukora.

Isumu ya Novichok ishobora kuba ari nk'amazi (liquide), ariko hari n'iyindi izwi ko ishobora kuba atari amazi (solide), vyumvikana rero ko ishobora gukwiragizwa nk'agafu kataboneka.

Isumu yo mu bwoko bwa Novichok izwi ko ikomeye gusumba ibindi birwanisho vy'ubumara, bikavugwa ko ubumara bwayo butangura gukora mu kanya gato cane - mu kiringo kiri hagati y'imisegonda 30 n'iminota ibiri.