HRW isaba ko umurwi wa ONU ujejwe amatohoza ku Burundi wongerwa ikiringo

Doudou Diene yamuka muri Senegal, umukuru w'urwego rwa ONU rutohoza ku Burundi, ari mu batacemerewe guhonyora mu Burundi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Doudou Diene yamuka muri Senegal, akuriye umurwi wa ONU ukora amatohoza ku Burundi, ari mu batacemerewe guhonyora mu Burundi

Ishirahamwe riharanira agateka ka muntu Human Rights Watch (HRW) risaba umuryango w'ubumwe bw'ibihugu vya Bulaya gufasha ko umurwi w'abahinga ba ONU ujejwe amatohoza ku Burundi wongerwa ikiringo co gukora.

Ibi biri mw'itangazo ryasohowe na Lewis Mudge arongoye HRW muri Afrika yo hagati, avuga ko n'aho iyimikwa ry'umukuru w'igihugu Evariste Ndayishimiye ryatanze umwizero ko agateka ka zina muntu gashobora gutera imbere, ariko ari kare kwizera ko ibintu bizoba vyiza.

Igihe ashikirizwa amabanga yo kurongora igihugu, Perezida Ndayishimiye yaratangaje icese ko ikibazo c'agateka ka zinamuntu mu Burundi kiri mu bibazo nkoramutima bimuraje ishinga.

HRW ibona ko umurwi ujejwe gukora amatohoza ku Burundi utegerezwa kubandanya ibikorwa gushika aho Perezida "Ndayishimiye azokwerekana ko afise ishaka ryo gushira mu ngiro ivyo yemeye" ku mugaragaro.

Mw'iri tangazo, Human Rights Watch, yishimikiza urwandiko rwarungikiwe umurwi wa ONU ujejwe agateka ka zina muntu, aho amashirahamwe 43 - na HRW nyene irimwo - yasaba ko uyu murwi w'abahinga ba ONU ujejwe amatohoza ku Burundi wokwongerwa ikindi kiringo.

HRW isaga umuryango w'ubumwe bw'ibihugu vya Bulaya "kwirinda gufata ingingo zotuma utwigoro two gufata mu mugongo impinduka mu vyo agateka ka zina muntu tunigirwa mu menshi, harimwo uguhagarika manda y'uyu murwi mu gihe ata kintu kigaragara kirahinduka".'

Iri shirahamwe rivuga ko koko hari ibimenyetso bitanga icizere, ariko ko hakiri amakenga akomeye.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Iri shirahamwe rivuga ko ritewe impungenge n'amajambo ashikirizwa na Perezida Ndayishimiye ku bijanye "n'abaharanira agateka ka zina muntu, abarereka ivyo leta ikora, abatavuga rumwe n'ubutegetsi, abari muri wa murwi w'abaryamana bahuje ibitsina (LGBT), hamwe n'abo bose baboneka ko banegura leta".

Rivuga kandi ko "hakiri ibikorwa vy'ubugizi bwa nabi bikibandanya kuvugwa n'ibinyamakuru n'aho ata mwidegemvyo wo gukora bifise, kandi ko n'umuhari w'urwaruka rw'umugambwe uri ku butegetsi, Imbonerakure, utarashirwa ku murongo".

HRW iti: "Iki si igihe co guhagarika ibikorwa vyo gutohoza".

"Kuva uyu munsi, uyu murwi nirwo rwego rwonyene rwigenga kandi rufise uburyo n'ubuhinga bwo gukurikirana, kwegeranya no gushikiriza raporo ku bijanye n'ihonyangwa ry'uburenganzira bwa muntu mu Burundi, kandi rukanerekana ababikoze".

Umurwi ujejwe gukora amatohoza ku Burundi washinzwe mu kwezi kw'icenda 2016, mu ntumbero yo gukora amatohoza ku vyaha vyo guhonyanga agateka ka zina muntu mu Burundi kuva hadutse indyane za politike mu 2015.

Icegeranyo catanzwe haciye umwaka cerekanye ko mu Burundi habaye ihonyangwa ry'agateka ka zina muntu. Ivyatumye mbere n 'umuryango w'ubumwe bwa Bulaya uhagarika imfashanyo waha leta y'u Burundi.

Ivyegeranyo vyose vyagiye bishikirizwa n'uyu murwi vyariyamirijwe na leta y'u Burundi, ikavuga ko bityoza kandi bikaba vyuzuyemwo ibinyoma n'imvo za politiki.

Ibi vyegeranyo kandi nivyo vyanatumye leta y'u Burundi mu 2018 ifata ingingo yo kubuza guhonyora ku butaka bw'u Burundi abakozi batatu ba ONU, aribo umunyasenegali Doudou Diene arongoye uyo murwi, umunyakameruni Lucy Asuagbor hamwe n'umwongerezakazi Francoise Hampton.