Hari impari ku kwiyongera kw'urucuruza rw’inzahabu muri Uganda

Inzahabu

Ahavuye isanamu, Getty Images

Mu kwezi kwa gatandatu kwonyene, urucuruza rw'inzahabu rwariyongereye muri Uganda, aho rwinjije imiliyoni 160 y'amafaranga y'amadorari, ivyateye impari.

Impari ziri ahanini ku vyerekeye inkomoko nyayo y'inzahabu, nimba uru rudandaza ruri mu mategeko, canke nimba rutoba ruva mu gihugu bibanyi n'iki gihugu.

Icakora, umunyamakuru wa BBC, Isaac Mumena, yerekanye ibiharuro bitangwa n'ibanki nkuru ya Uganda guhera mu kwa gatandatu uno mwaka, bikaba vyerekana ko iki gihugu cagurishije hanze ibiro 3000 vy'inzahabu.

Hari amakenga ko iyi nzahabu ishobora kuba iva muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Kongo mu turere turangwamwo intambara zitewe n'imirwi y'inyeshamba.

Mu kwezi guheze, Ibanki y'isi yose yagereranije ko agaciro k'urudandaza rw'inzahabu ya magendo iciye muri Uganda kageze ku muliyoni w'amadorari.

Biravugwa kandi ko kubera ikiza karanda ca Covid-19, abadandaza ba magendo bikora ku ndege zakodeshejwe mu ntumbero yo gukwiragiza ibikoresho vyo kuvura bakazikoresha mu kwunguruza inzahabu za magendo.

Umukuru w'igisata kijejwe ubucukuzi bw'amabuye y'agaciro, Vincent Kedi, asobanura ko leta ya Uganda yemera neza ko ata bushobozi ifise bwo kwimbura inzahabu ingana uko kwose, ariko ko kuba hari inganda zitunganya inzahabu ari vyo bituma yongerekana ku rugero runini.

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Ati: "Urugero rw'inzahabu yimburwa muri Uganda rwariyongereye cane ugereranije n'imyaka itatu iheze, kandi dufise n'inganda zitanu zo gutunganya inzahabu hano mu gihugu, zikaronka iyije iva hanze no hagati mu gihugu, ari naco gituma urucuruza rwiyongereye".

Bwana Kedi arahakana ko ata nzahabu ya magendo iva mu bihugu bibanyi nka Kongo, nk'uko umengo niyo yoba yatumye uru rudandaza rwiyongera.

Ati: "Ubu si nshobora kuvuga ko ari vyo canke atari vyo, gusa ico nzi ni uko izi nganda zitunganya inzahabu ya Uganda hamwe n'iyiva mu bihugu vyo muri kano karere ariko atari Kongo yonyene. Hariho iyiva mu bindi bihugu nka Sudani no mu bindi bihugu bimwe bimwe vya Afrika".

Icegera c'umukuru w'uruganda rw'inzahabu AGR (African Gold Refinery) , Alphonse Katarebe, avuga ko kuva hatangujwe inganda zo gutunganya inzahabu muri Uganda, urugero rwayo rwariyongereye cane.

Uganda nta butare bw'inzahabu bwinshi ifise, ariko kuva mu myaka mike iheze ubutare ni kimwe mu bicuruzwa bikomeye ku masoko mpuzamakungu bisanzwe vyinjiriza iki gihugu amafaranga mvamakungu y'agaciro gusumba mbere n'igiterwa c'ikawa cari gisanzwe gifata iya mbere.