Paul Rusesabagina: Bwa mbere kuva afunzwe umuryango we uvuga ko wavuganye nawe

Paul Rusesabagina n'abana be, Carine Kanimba (ibumoso)

Ahavuye isanamu, Facebook/Carine Kanimba

Insiguro y'isanamu,

Paul Rusesabagina n'abana be, Carine Kanimba (ibumoso)

Umukobwa wa Paul Rusesabagina yabwiye BBC ko ku nshuro ya mbere bashoboye kuvugana nawe ariko ko bafise amakenga.

Bwana Rusesabagina amaze iminsi ari mu minwe y'igipolisi c'u Rwanda nyuma yo kuhashika ku buryo gushika ubu butavugwako rumwe.

Umuryango wiwe wemeza ko yanyurujwe ari mu rugendo i Dubai, ariko ivyo ntibiremezwa n'uruhande ataho rwegamiye.

Aho yavugana na BBC Gahuzamiryango, umukobwa wa Bwana Rusesabagina, Carine Kanimba, yavuze ko bashoboye kuvugana na se kuri telefone.

Yavuze ko ari ubwa mbere bari bavuganye nawe kuva yafatwa, akavuga ko yababwiye ko ameze neza naho bo batavyemera.

Carine Kanimba yagize ati: "Twavuganye nawe ariko twari tuzi ko bamuhagaze inyuma bariko baramubwira ico agomba kutubwira cose.

"Ejo [ku wa kabiri] ni bwo bwa mbere twashoboye kumuvugisha. Twagerageje kenshi kubahamagara, duhamagara RIB, duhamagara abantu bose kugira ngo batureke tumuvugishe.

"N'umu avocat wacu twamuhitiyemo agerageza kuja kumuraba ariko kuva bamushimuta ntibari batureka ngo tumuvugishe."

Umukobwa wa Bwana Rusesabagina yabandanije avuga ko ejo ari ho babemereye kumuvugisha, "ariko na ho nyene ukumva yuko bamuhagaze inyuma bamubwiriza ivyo avuga".

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Rusesabagina yahawe agashimwe ko ku rwego rwo hejuru n'umukuru w'igihugu wa Amerika, George W Bush

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

BBC yashatse kumenya niba boba barashoboye kumenya uko amerewe aho afungiwe mu biro vy'igipolisi i Remera mu muji wa kigali.

Carine Kanimba yagize ati: "Navyo ntavyo tuzi. Yatubwiye ko ameze neza. Ariko ukuntu tuzi papa, iyo tumubajije uko ameze ubundi atubwira neza abivanye ku mutima. Ariko ubu [vyarumvikana] ko atashobora kuvuga nk'uko atuganiriza ubundi."

Carine Kanimba yavuze kandi ko uwunganira se mu mategeko bamuhitiyemwo ataremererwa gukora ako kazi, akaba yunganirwa n'uwo yahitiwemwo n'inzego z'ubutungane z'u Rwanda.

Yabandanije agira ati: "Turabizi ko uwo mu avocat [yashizweko na leta] yari ahari ejo. Yari amuhagaze inyuma. Muri ako kanya gato twaganiriye na papa yaratubwiye ko bari bahari bari iruhande rwiwe.

"Ariko uwo mu avocat we ntawe twumvise. Twamubajije niba yarashoboye kubonana na ba avocat twamuhitiyemwo avuga ko adashobora kuganira iyo dosiye. [...] twamubajije gatatu ivy'avocat wiwe ntiyaduha igisubizo."

Kuwa gatatu, Bwana Rusesabagina yarengukijwe imbere y'umushinjavyaha aherekejwe n'abunganizi babiri Emeline Nyembo na David Rugaza. Ibiro vy'ubushinjavyaha vy'u Rwanda bimenyesha ko "ubuzima bwiwe bumeze neza" kandi "yasuwe na Ambasade y'Ububiligi anavugana n'umuryango wiwe".

Ahavuye isanamu, Rwanda Prosecution

Insiguro y'isanamu,

Rusesabagina hamwe n'abunganizi afise mu Rwanda, abo umuryango wiwe utemera

Kunyuruzwa

Umuryango wa Bwana Rusesabagina wemanga ko yanyurujwe mu gihe leta y'u Rwanda yabanje kuvuga ko yafashwe ku bufatanye bw'amakungu, mu gihe yari yarasohorewe umutawe mpuzamakungu wo kumufata, mu nyuma ikavuga ko ari we nyene yijanye i Kigali.

Avugana na BBC, umukobwa wiwe Carine Kanimba yavuze ko ivyo atari vyo ngo kuko uwo mutahe wo kumufata utigeze ubaho.

Yagize ati: "Ivyo ni ukubesha nta mandat d'arrêt yigeze ibaho, ivyo ni mu Rwanda babivuze. Nimba yariho ni kubera iki yabandanije gufata ingendo atawumukoma?

"Mu mwaka ushize yabandanije ingendo, iyo haba hari abantu bashaka kumufata ntaho yari kuja kuko bari kuba bamufashe [...] ivyo tuzi ni uko bamujanye ku nguvu."

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Paul Rusesabagina (wa mbere uvuye iburyo), umugore wiwe Tatiana (wa kabiri uvuye iburyo), Don Cheadle (wa kabiri uvuye i bubamfu) n'umukunzi wiwe Bridgid (wa mbere uvuye i bubamfu) bashitse mu birori vya Oscar bigira 77, itariki 27/02/2005

Paul Rusesabagina yamenyekanye cane mu 2004 aho hasohoka film yitwa Hotel Rwanda yakinywe n'icamamare c'Umunyamerika Don Cheadle.

Iyo film ibara inkuru y'ukuntu Rusesabagina yakijije abantu barenga igihumbi bari barahungiye kw'ihoteli ya Mille Collines yayobora mu gihe ca jenoside mu Rwanda mu 1994.

Yaje gucana kubiri n'ubutegetsi bw'u Rwanda aho yatangura kunenga ibikorwa vyabwo.

Bwana Rusesabagina ni icegera c'umukuru w'urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na leta y'u Rwanda, MRCD-Ubumwe.

Urwo runani rufise umutwe wa gisirikare wa FLN, wiyemereye kugaba ibitero ku butaka bw'u Rwanda mu 2018, ibitero vyaguyemwo abantu.

Ivyo bitero ni vyo leta y'u Rwanda ifatirako mu kumwagiriza ivyaha vy'iterabwoba.