Neymar – Alvaro Gonzalez: ikibazo c’ivanguramoko muri Ligue 1

Neymar wa Paris St-Germain

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Ubuhinga bwa videwo bwerekana ko Neymar yateranye amajambo n'umukinyi w'inyuma wa Marseille Alvaro Gonzalez

Neymar , umusatirizi w'umurwi Paris-Saint-Germain wo mu Bufaransa, yahagaritswe mu nkino zibiri, inyuma y'uko ahawe ikarata itukura igihe uyu murwi wahura na Marseille.

Ariko abarongoye umupira w'amaguru mu Bufaransa batangaza ko bariko barakora amatohoza ku birego vy'uko Neymar yoba yarabwiye amajambo y'ivanguramoko.

Muri uru rukino rwabaye ku wa Mungu, uyu mukinyi mpuzamakungu w'umunya Brezili yahawe iyi karata itukura akubise umukinyi w'inyuma wa Marseille, Alvaro Gonzalez.

Mu nyuma Neymar yagirije Gonzalez aciye ku mbuga hwaniro, aho avuga ko uyu mukinyi yamubwiye amajambo y'ivanguramoko, agasaba abategetsi kwihweza neza amasanamu yerekanwa na bwa buhinga bwa videwo (VAR).

Gonzalez arahakana ivyo yagirizwa na Neymar.

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu Bufaransa (Ligue de Football Professionnel, LFP) ryavuze ejo ku wa gatatu ko ryatanguye gukora amatohoza ku birego vya Neymar.

Neymar yarumvirijwe, akaba yaragirije uyu mukinyi w'inyuma wa Marseille ko yamwise "inguge".

Sébastien Deneux, ajejwe indero muri iryo shirahamwe avuga ati: "Turazi ko habaye uguterana amajambo, ariko ubu ntituraronka ivyemezo vy'uko twotumako abakinyi".

Uyu mutegetsi avuga ko umurwi arongoye bazogerageza "kwihweza neza amajambo yavuzwe, amajambo yumvikanywe", ariko ko bazogira ico bashikirije bisunze "ivyemezo bifadika koko".

Ahavuye isanamu, NurPhoto

Insiguro y'isanamu,

Neymar yateranye amajambo na Alvaro Gonazalez

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Sébatien Deneux avuga kandi ko amatohoza y'umurwi wiwe ashobora no kwihweza ibijanye n'ibindi bitutsi bishobora kuba vyaravuzwe na Neymar.

Ati: "Mu kuvuga ni ukwinengesera cane. Amatohoza azoshobora kwerekana nimba hari ayandi makosa ashobora gutuma hafatwa ingingo zijanye n'inyifato".

Ikinyamakuru Le Parisien kivuga ko umurwi PSG ushobora kuba washizeho umurwi wo kwihweza amasanamu yerekana ivyabaye.

Amakuru avuga ko uyu murwi ushobora no kwifashisha abahinga mu bijanye no kwihweza iminwa kugira bige neza amajambo yavuzwe na Alvaro Gonzalez igihe yaterana amajambo na Neymar, nk'uko ibimenyeshamakuru vyo mu Bufaransa bibitangaza.

PSG yizeye ko ifise ubushobozi bwose bwo kwerekana ko ibivugwa na Neymar ari ivy'ukuri, ikifashisha beIN SPORTS Mena, televiziyo y'inkino yo mu Burasirazuba bwo hagati ifise icicaro muri Qatar.

Hari kamera y'iyi televiziyo yarabishijwe kuri Neymar mu buryo bwihariye, ikaba yarashoboye gufata amasanamu yose y'ingene uyu mukinyi rurangiranwa wa PSG yateranye amajambo na alvaro Gonzalez.

Leta ya Brezili yavyinjiyemwo

Leta ya Brezili, igihugu Neymar akomokamwo, yasohoye itangazo ku wa kabiri, aho ivuga iti:

"Kuri rino vanguramoko ku ncuro yindi mu nkino, ubushikiranganji bujejwe abagore, imiryango n'agateka ka zina muntu burifatanije na Neymar Jr".

Uyo munsi nyene, umunyamabanga w'ikigo kijejwe kurwanya ivanguramoko muri Brezili yariyamirije yivuye inyuma "ihohotera iryo ari ryo ryose" hamwe kandi "n'ivanguramoko rishingiye kw'ibara ry'uruhu".

Marseille : Alvaro nta vanguramoko rimurimwo

Ku ruhande rwawo, umurwi Olympique de Marseille utera intege uyu mukinyi wawo w'inyuma akomoka muri Esupanye, ukavuga ko muri we atavanguramoko rimurimwo.

Ahavuye isanamu, FRANCK FIFE

Insiguro y'isanamu,

Abakinyi bandi batari bake bagize uruhara muri uru ruhagarara bafatiwe ibihano

Uyu murwi wandika uti: "Yarabitweretse mu nyifato yiwe ya minsi yose kuva ashitse mu murwi, mbere na bagenzibe baravyemeza".

Ishirahamwe LPF ryarafatiye kandi ibihano abandi bakinyi bagize uruhara muri urwo ruhagarara.

Layvin Kurzawa umukinyi w'inyuma wa PSG yahagaritswe inkino zitandatu zose kubera umugere yateye uyu mukinyi wa Marseille, co kimwe na Jordan Amavi na we nyene yahagaritswe mu nkino zitatu.

Leandro Paredes, umukinyi wo hagati wa PSG hamwe na mugenziwe wa Marseille bakomoka hamwe muri Argentina, Dario Benedetto, bompi bahagaritswe inkino zitatu.