Igiturire muri Coronavirus muri Kenya: Abategetsi n'abagwizatunga baragirizwa

  • Inkuru ya Emmanuel Igunza
  • BBC News, Nairobi
Umuntu ari mu myiyerekano afise icandiko ashwawemwo n'ivyuka bikoroza amarira mu myiyerekano yo kwiyamiriza abakekwa igiturire mu mugambi wa leta ya Kenya wo guhangana na coronavirus, i Nairobi, Kenya, itariki 21/08/2020

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu,

Igipolisi cakoresheje ivyuka bikoroza amarira mu gushwiragiza abari mu myiyerekano biyamiriza ico giturire

BBC yamenye ko abajejwe itohoza muri Kenya basaba ko hakurikiranwa abategetsi bo hejuru muri leta bashika 15 hamwe n'abagwizatunga ku vyagiriji vyo kunyonyeza amamiriyoni y'amadolari yagomba kugurwa ibikoresho vyo kwa muganga vyo guhangana na Covid-19.

Itohoza ryabonye ibimenyetso vyerekana ko hatanzwe amasoko agahabwa abantu begeranye n'abanyepolitike hamwe n'abagwizatunga.

Leta yasavye ko haba itohoza imaze kurengerwa n'urwamo rw'abanyagihugu.

Leta ya Kenya yahawe amahera ashika ku miriyaridi $2 (£1,6) nk'imfashanyo ku kurwanya Covid-19.

Ariko abakozi bo mu vy'amagara baridogeye ubukene bw'ibikoresho vyo kwikingira, bavuga ko ubuzima bwabo buri mu kaga.

Ikigo ca leta cagomba kugura ivyo bikoresho, Kenya Medical Supply Authority (Kemsa), cahakanye ko hari amahera n'amwe yoba yaribwe.

Ivyagiriji bimeze gute?

Intambwe ya mbere y'itohoza yibanze ku vyagiriji vy'ikoreshwa nabi ry'amamiriyoni $7,8 yagomba kugurwa vyihutirwa ibikoresho vyo kwikingira vy'abakora mu vy'amagara hamwe n'ibitaro hose mu gihugu.

Abakora itohoza bo mu kigo kijejwe ubuziranenge EACC bavuga ko ivyo babonye mu ntango vyerekanye ko hari amategeko menshi agenga kugura ibikoresho vya leta yahonyanzwe mu gutanga amasoko.

Ahavuye isanamu, SOPA Images

Insiguro y'isanamu,

Abanyatugenegene baracafye ibicapo ku murwa mukuru wa Kenya, Nairobi, mu kwerekana ko bashigikiye abakora mu vy'amagara

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Mu cegeranyo cashikirijwe umugwi w'inama nshingamateka ujejwe ivy'amagara na Covid-19 ku wa gatatu, EACC yagize iti: "Abakora itohoza baragaragaje ko habaye ivyaha vyakozwe n'abayobozi muri leta mu kugura ibikoresho vyo guhangana na Covid-19 ku kigo Kemsa vyatumye hakoreshwa nabi amahera ya leta."

EACC yahanuye ko hashinjwa icaha abayobozi bose ba Kemsa n'ubushikiranganji bujejwe amagara vyibazwa ko ari bo bari inyuma y'ako kamaramaza.

Intambwe ya kabiri y'itohoza izokwibanda ku bigo vyagirizwa kuba vyarungukiye muri ayo masoko, naho bitatomowe neza ko hari ikigo na kimwe coba carakoresheje nabi amahera agenewe Covid-19.

Impapuro zashikirijwe umugwi w'inama nkenguzamateka, BBC yashoboye kubona, zerekana ubwoko bw'amasezerano yatanzwe na Kemsa.

Hamwe na hamwe, amasoko yahawe ibigo vyari bimaze indwi nkeyi gusa bishinzwe.

Akarero kamwe ni ikigo Shop and Buy limited, izo mpapuro zivuga yuko caronse isoko ry'imiriyoni $10 naho cashinzwe mu kwezi kwa kabiri, indwi nkeyi imbere y'uko umuntu wambere yanduye Codiv-19 atangazwa mu gihugu.

Ico kigo gihakana amakosa ayo ari yo yose.