Timothy Ray Brown, umuntu wa mbere yakize SIDA yahitanywe na kanseri

Timothy Ray Brown

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Timothy Ray Brown yamenye ko yanduye uwu mugera mu 1995 igihe yari i Berlin mu Budagi

Umuntu wa mbere yavuwe umugera wa SIDA akawukira - Timothy Ray Brown - yapfuye ahitanywe na kanseri.

Bwana Brown, yari asanzwe azwi 'nk'umurwanyi wa Berlin', yatewe umusokoro wo mu magufa wari utanzwe n'umugiraneza yari afise umubiri utandura umugera wa SIDA mu 2009.

Ibi vyasigura ko ata miti yo gupfupfahaza SIDA yari agikeneye, kandi nta mugera wa SIDA wasubiye kumubonekamwo mu buzima bwiwe bwose kuva ico gihe.

Société internationale sur le SIDA/International AIDS Society, ivuga ko ivyabaye kuri Bwana Brown vyatanze icizere kw'isi ko impera n'imperuka umuti wa SIDA ushobora kuboneka.

Bwana Brown, ubu yari afise imyaka 54 akaba yari yavukiye muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, yamenyekanye ko yanduye uwu mugera mu 1995 igihe yari i Berlin mu Budagi.

Niho mu 2007 yandura ubwoko bwa kanseri yo mu maraso izwi nka leucémie/leukaemia.

Mu buryo bwo kumuvura harimwo ko bamuvanamwo umusokoro wo mu magufa kuko niwo watumye yandura iyi kanseri yo mu maraso, hanyuma agaterwa mushasha.

Uwu musokoro yatewe watanzwe n'umugiraneza yari afise ibinyamubiri bimutuma atandura umugera wa SIDA.

Umugera wa SIDA wamuhezemwo

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Kuva atewe uwu musokoro, Bwana Brown nta mugera wigeze usubira kumubonekamwo. Rero yari "yakize".

Mu 2012, Brown yabwiye BBC ati: "Nahevye gufata imiti kuva umunsi bantera umusokoro mushasha, haciye amezi atatu, nta mugera basubiye kunsangamwo".

"Iki carandyoheye cane, ariko naguma mfise ubwoba ko ushobora kugaruka, ariko ntavyigeze biba".

Ariko rero, iyi kanseri yo mu maraso yatumye akira SIDA, yagiye kumugarukamwo mu ntango z'uno mwaka, mbere ica ikwiragira mu bwonko no mu ruti rw'umugongo".

Umugenzi wiwe, Tim Hoeffgen, yanditse ku rubuga rwa Facebook ati: "Ndi n'umubabaro mwinshi wo kumenyesha ko Timothy yasandavye... akikujiwe na jewe ndi kumwe n'abandi bagenzi, inyuma y'amezi atanu arwana na leukaemia".

Yongera ko ati: "Mu buzima bwiweTim yari yiyemeje gusigurira abantu ivyamubayeko ku bijanye n'ingene yakize umugera wa SIDA, mbere bikaba vyaratanze icizere".

Isi yoba iri hafi gutora umuti wa SIDA?

Uburyo Brown yakizemwo ni uburyo bwashobora guteza ivyago kandi butoroshe gukoresha nk'uko bisanzwe - buguma ari ubwo kuvura kanseri.

Ni uburyo kandi buzimvye cane ku bantu imiliyoni 38 zanduye umugera wa SIDA, abenshi muri bo bakaba bari musi y'ubugaragwa bwa Sahara muri Afrika, akarere kazwi ko ariho uwu mugera watsemwo indaro.

Hagati aho, ivyabaye kuri Brown vyatanze icizere ku bahinga, ku barwayi eka no kw'isi yose ko impera n'imperuka ko SIDA ishobora gutorerwa umuti.

Urupfu rwa Timothy rwababaje cane Société internationale sur le sida.

Prof Adeeba Kamarulzaman ayirongoye avuga ati: "Dufitiye ideni Timothy n'umuganga wiwe, Gero Hutter, tukabashimira cane kubona bugururiye imiryango abahinga kugira ngo biyumvire ingene umugera wa SIDA wotorerwa umuti".

Ahavuye isanamu, Getty Images

Umuntu wa kabiri yavuwe umugera wa SIDA yatangajwe mu ntango z'uno mwaka. Adam Castillejo - azwi nk'umurwayi wa Londres - na we nyene yariko aravurwa nk'uko Brown yavuwe, akaba ata miti ya SIDA agifata.

Prof Sharon Lewin, umukuru w'ikigo Doherty Institute i Melbourne muri Australia avuga ati: "N'aho ivyabaye kuri Timothy na Adam bitoshobora gufatwa nk'inzira nyayo mu gutora umuti, ni ibimenyetso bikomeye cane mu rugamba rwo kurondera umuti wa SIDA".

"Timothy yari intwari kandi aharanira ko urugamba rwo kurondera umuti wokiza umugera wa SIDA rwoshirwa mu migambi ya politike n'ubushakashatsi".

"Abahinga barafise icizere ko umunsi uri izina tuzokwigina iragi adusigiye mu gutora uburyo bwiza kandi buzimbutse tukiganzura SIDA".